Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Goma: Abanyagihugu ntibabona kumwe uruhara rw’abasirikare ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Goma: Abanyagihugu ntibabona kumwe uruhara rw’abasirikare ba (...)

Goma: Abanyagihugu ntibabona kumwe uruhara rw’abasirikare ba ONU

dimanche 16 Ruheshi 2013

Abasirikare batabara b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barindiranwe igishika n’abanyagihugu b’i Goma muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, naho ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishira imbere ibiganiro mu nzira yo kugarukana amahoro.

Abanyagihugu b’i Goma bamenyesha bizeye urukiza muri izo ngabo za ONU kuko imisi yose Leta yashatse kugira ibiganiro n’imirwi irwana ataco vyashitseko canke naho Leta ikumvikana n’umurwi umwe bwaca kabiri uyundi ukavuka. Bamenyesha ko ibiganiro vya Kampala ari nk’inkinamuco kuko ata karusho babona bizobazanira.
Ester Kamate, umunyagihugu wo muri Katindo agira ati : « Iyo mirwi irwana nibayituze biciye mu ngwano, nta rundi rukiza tubona.»

I Goma, umurwi urwana wa M23 uragisibije, abanyagihugu bakaba beteze amaso abo basirikare ba ONU bagera ku bihumbi bitatu bemewe kurungikwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuva mu kwezi kwa Ntwarante, bakaba biyongera ku bandi ibihumbi cumi n’indwi basanzwe ariyo bari, bariko bafadikanya n’abasirikare ba Repubulika iharanira demokarasi ya Congo guhangana n’imirwi irwana muri ako karere harimwo M23.

Barayamaze bati : « Ivyo bamwe baririra nivyo abandi barirana ! »

Mu kambi y’impunzi ya Mugunga ya mbere siko babibona kuko bo bavuga ko izo ngabo za ONU ataco ziroye kwungura. Kahindi Noodle w’imyaka 48 avuga ko atacizeye afitiye abasirikare ba ONU. Uwo munyagihugu w’impunzi yamenyesheje ko aho yaba atarata urwiwe yari hafi y’ikirindiro c’abasirikare ba MONUSCO ariko bitabujije ko abanyagihugu bagandagurwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.