Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Google maps yerekanye ikarata ya Koreya y’uburaruko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Google maps yerekanye ikarata ya Koreya y’uburaruko

Google maps yerekanye ikarata ya Koreya y’uburaruko

mercredi 30 Nzero 2013

Kuva ubu ikarata ya Koreya y’uburaruko iragaragara ku rubuga ngurukanabumenyi, iyi karata ikaba itashirwa ahabona. Kuri iyo karata yashizwe ahabona haragara ho ibibanza bikorerwamwo ibigwanisho ruhonyanganda bikoregwa muri ico gihugu n’amakambi makurumakuru apfungigwa mwo abantu, nk’uko amakuru dukesha Jeuneafique abivuga.

Ni mwijoro ryo kuwa 28 rishira itaiki 29 Nzero uyu mwaka, google yashira ahabona iyo karata itari bwashigwe ahabona. Google yongeye mu bubiko bw’amakarata ibibanza bitandukanye bigize igihugu vyaribihishijwe n’ubutegetsi bwa gikoministe.

JPEG - 9.2 ko

Inyuma y’indwi zitatu perezida wa google Eric Schimidt agize urugendo mu gihugu ca Koreya y’uburaruko, yaraneguye ingene ico gihugu kitagaragaza ivyaco ku rubuga ngurukana bumenyi. Icibonekeza n’uko iyo karata nshasha itazoshimisha ubutegetsi bwa Pyongyang, kuko ushobora kubona kuri iyo karata amasanamu agaragaza ibice vyose vy’ahakoregwa ibigwanisho ruhonyanganda rwa Yongbyon iri ku birometero birenga 100 mu buraruko bw’umugwa mukuru wa Koreya y’uburaruko.

Kuri iyo karata haragaragara ko kandi n’ikibanza Punggye-ri, mu buraruko bw’igihugu, aho boba baja gukorera imyimenyerezo yo gukoresha ivyo bigwanisho, ico kibanza google maps ikaba yacise Nuclear Test Road.

Amakambi makurumakuru yo muri ico gihugu nayonyenye akaba agaragara kuri iyo karata. Amnesty international ikaba ivuga ko hari abanyororo bagera ku 200 000 bapfungiwe muri ayo makambi. Amabarabara menshi, harimwo na manini manini yo muri ako karere araboneka kuri iyo karata.

Jayanth Mysore umwe muba jejwe igisata c’amakarata kuri google maps avuga ko Koreya y’uburaruko ari kimwe mu bibanza, baribafise ko amakuru make cane muri ico gisata , ariko ngo sikobikiri inyuma yaho iyo karata nshasha igiriye ahabona.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.