Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Graça Machel umutambukanyi w’umwizigirwa wa Nelson Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Graça Machel umutambukanyi w’umwizigirwa wa Nelson Mandela

Graça Machel umutambukanyi w’umwizigirwa wa Nelson Mandela

mercredi 17 Mukakaro 2013

Muri iyi minsi Nelson Mandela ari mu bitaro ku bw’amagara yiwe amukitse, umupfasoni wiwe Graça Machel yigeze kuba ndetse umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Mozambique, aragerageza kumukurikirana cane ijoro n’umutaga, ndetse ngo ntakubita n’urugohe ijoro ryose.

Ku va kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro aho haduka indyane mu muryango wa Nelson Mandela bivanye n’ukwo umwuzukuru mukuru wa Mandela ariwe Mandla Mandela yari yafashe ingingo zerekeranye na sekuru atabanje kubaza umuryango wose, yavuze ko izo ngorane zose zoba zaterwa na inasenge wiwe Makaziwe, ko ariwe yoba yararyanishije umuryango. Ivyo akaba yabishikirije imbere y’ibinyamakuru mpuzamakungu. Kuri izo ndyane rero zariko ziriyadukiza mu muryango wa Nelson Mandela, umutambukanyi wiwe yabwiye abanyamakuru ko muri iki gihe Mandela ari mu bitaro ko bose babwirijwe gufatana mu nda, bakareka gushavuza umuvyeyi wabo ari ku musego.

Graça Machel wimyaka 67 y’amavuka, muri iyi minsi amara ijoro ryose ari mu ntebe, ariko araba uko amagara y’uwo bubakanye kuva mu mwaka w’1998 yifashe. Twobibutsa rero ko Graça Machel ari umugore wa gatatu wa Nelson Mandela kuva ku wa 18 Mukakaro inyuma Évelyne Mase mu 1947, yubakanye na Winnie Mandella mu mwaka w’1958.

Graça ngo ni umukenyezi aciye ubwenge. Yavukiye mu muryango utunze wo muri Mozambique, araheza anonosora ivyirwa vy’amategeko muri kaminuza, mu nyuma aba umushikiranganji w’indero n’imico muri Mozambique kuva mu mwaka w’1975 gushika mu mwaka w’1989. Mu mwaka w’1986, igihe umuca nce wiwe Samora Machel umukuru w’igihugu wa mbere wa Mozambique yitaba Imana ahuye n’isanganya ry’indege, Nelson Mandela aho yari mw’ibohero yaramwandikiye agakete ko kumuhoza, agakete kanezereye Graça Machel na cane cane ko kamushikiriye ari mu bihe bibi cane.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.