Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gufungura ifungurwa "sushis de maquereaux" vyatumye amara imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gufungura ifungurwa "sushis de maquereaux" vyatumye amara imyaka (...)

Gufungura ifungurwa "sushis de maquereaux" vyatumye amara imyaka 115

mardi 5 Ntwarante 2013

Umuyapanikazi Misao Okawa,niwe yatangajwe n’ikinyamakuru Guinness World Record, ko ariwe ashaje kw’isi yose,mu gihe ahimbaje imyaka 115 y’amavuka.

“Sinari nibaza ko noshaje ,ni kubwanyu mwese”,yabivugiye kw’imboneshakure yigenga TBS Misao Okawa;uyo muyapanikazi asanzwe ava mu muryango w’abadandaza muri Kimonos m’uburengero bw’i gisagara ca Osaka.

Muguhimbaza umunsi w’amavuka yiwe,bamuzaniye isahani y’ibifungurwa asanzwe akunda arivyo “sushis de maquereaux”.

JPEG - 48.5 ko

Misao Okawa yavutse igenekerezo rya 5 Ntwarante 1898, aca yubaka urwiwe mu 1919, avyara abana babiri(umuhungu n’umukobwa) bakaba bose bakiriho,bafise imyaka irenga 90 y’amavuka.

Uwo mutamakazi yamenyesheje ko Atari bwigere agira ingorane z’amagara ,Atari igihe yarafise imyaka 102 aho yavunika ukuguru.

Mwomenya rero ko n’umugabo asanzwe ari uwa mbere afise imyaka myinshi nawenyene aba mubuyapani i Kyoto akaba azokwiza imyaka 116 mu kwezi kwa Ndamukiza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.