Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinée : Ebola yihaye inkumbi aho abagera kuri 61 beretse umukondo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Guinée : Ebola yihaye inkumbi aho abagera kuri 61 beretse umukondo (...)

Guinée : Ebola yihaye inkumbi aho abagera kuri 61 beretse umukondo ijuru

dimanche 20 Ndamukiza 2014

Mu gihugu ca Guinée indwara ya Ebola yamaze kwigaragaza ku bwinshi, mu gihe abagera kw’109 bamaze gufatwa n’iyo ndwara, abandi nabo bagera kuri 61 nabo baramaze kwitaba Imana.

Inyuma y’ibipimo vyagiye biraca muri zimwe mu nyubakwa z’ibipimo vy’amagara y’abantu kuva mu kwezi kwa Nzero, bikaba vyaragaragaye ko iyo ndwara ya Ebola atari agaseseshwa rumiri ihari muri ico gihugu. Muri Reta ya Guinée rero bakaba bahagurukiye ikibazo c’iyo ndwara, aho ndetse umuvugizi wa Reta Damantang Albert Camara amenyesha ko Reta atako itazokora mu gutuza ico kiza.

Mwomenya ko ibice bikazemwo ico kiza ca Ebola ari Guéckédou mu Bumanuko bw’ico gihugu aho abantu bagera kuri 34 kuri 58 bari bafashwe n’iyo ndwara aribo bitavye Imana, nayo i Conakry ku murwa mukuru abantu 15 kuri 36 bari banduye Ebola akaba aribo beretse umukondo ijuru.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.