Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinee : Indwara ya Ebola iriko irasasika inganda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinee : Indwara ya Ebola iriko irasasika inganda

Guinee : Indwara ya Ebola iriko irasasika inganda

mardi 25 Ntwarante 2014

Indwara ya Ebola yoba yamaze gushika mu ku murwa mukuru w’igihugu ca Guinée i Conakry nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe ryishinze kurwanira agateka k’abana UNICEF.

Iyo ndwara yatanguriye mu Bumanuko bw’ico gihugu mu kwezi kwa Ruhuhuma, yishe abantu bagera kuri 59 nk’uko ivyo bitigiri bishikirizwa n’abarongoye igihugu ca Guinée. Nayo muri Afrika y’Uburengero, abantu bagera kuri 80, baramaze gufatwa n’iyo ndwara. Mu Bumanuko bw’ico gihugu cane cane mu turere twa Macenta, Guéckédou na Kissidougou, iyo ndwara yaribonekeje, iyo nayo, ikaba yica abantu ku bice 90 kw’ijana.

Iyo ndwara uwumaze kuyandura, akabonekera kugira umuriro mwinshi, gucibwamwo, gucika inkorora, kuyorwa, ndetse umuntu akava amaraso, ayo nayo agashobora guca ahari intoboro hose ku mubiri w’umuntu. Iyo ndwara irica cane, ku buryo abamaze kuyandura 90 kw’ijana bashobora kwitaba Imana. Muri ico gihugu, abaganga bakaba bariko bararonswa imiti yo kuyivura, ndetse n’ibikoresho vyo kuyikingira, na cane cane nk’ibirato vyo mu minwe, n’ibindi bikoresho vy’imiti.

Ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika, bikaba bimaze guhura n’akaga k’iyo ndwara, aha tukavuga nk’Ubuganda, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Gabon , Sudani y’Epfo na Guinée Conakry.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.