Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinée : Iyumvirizwa rya Moussa Dadis Camara mu butungane ryakiriwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée : Iyumvirizwa rya Moussa Dadis Camara mu butungane ryakiriwe (...)

Guinée : Iyumvirizwa rya Moussa Dadis Camara mu butungane ryakiriwe neza

samedi 14 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’ubwicanyi bw’agahomera bunwa bwabaye mu gihugu ca Guinée ku wa 28 Nyakanga umwaka w’2009, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike avuga ko amatohoza ariko arafata umurongo mwiza.

Ayo mashirahamwe asanzwe aharanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu gihugu ca Guinée akavuga ko inyuma y’aho Capitaine Moussa Dadis Camara yahoze arongoye ico gihugu vy’imfatakibanza yumviririjwe n’ubutungane, abo muri ayo mashirahamwe bamenyesha ko amatohoza yafashe inzira nziza kandi ko bizeye ko abakoze ayo marorerwa, abayakokeje hamwe n’abatatabaye kandi bari babishoboye bazotabwa mu mvuto. Kuri iryo genekerezo rya 28 Nyakanga, abatavuga rumwe na Reta bihereje amabarabara, baca bagandagurwa n’abajejwe umutekano ku ntwaro ya Dadis Camara. Abishwe ico gihe bakaba baharuwe hagati y’157.

Mukamenya ko abantu bagera ku munani gusa aribo bafashwe bagirizwa ubwo bwicanyi, abo mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike aho muri Guinée bati wanguha, abo bapfunzwe ni bake, ni hafatwe n’abandi, kuko abantu 157 barenga ntibokwicwa n’abantu umunani gusa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.