Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinée : Ku bantu 396 bafashwe na ebola 280 baciye bitaba Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée : Ku bantu 396 bafashwe na ebola 280 baciye bitaba Imana

Guinée : Ku bantu 396 bafashwe na ebola 280 baciye bitaba Imana

vendredi 27 Ruheshi 2014

Ibitigiri vy’abahitanwa n’indwara ya ebola biguma vyiyongera mu bihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone nk’uko ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ribimenyesha.

Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu rero, rikaba ryatumyeko inama yihuta y’ibihugu cumi na kimwe biri mu karere Guinée, Liberia na Sierra Leone biherereyemwo. Iyo nama ikaba ari iyizoraba uko ibihugu bindi vyokinga bitaronerwa nk’uko biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona. Kuri iyo ndwara nyene igisibije muri ivyo bihugu, ishirahamwe MSF rikaba ku wa 23 Ruheshi ryari ryagaragaje amakenga, ku ngorane yo gukinga ico kiza ca ebola.

Mwomenya ko mw’ishirahamwe OMS bavuga ko barajwe ishinga bimwe bidasanzwe n’iyo ndwara ya ebola, aho iriko irasasika inganda ku murindi uteye ubwoba muri ivyo bihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone. Muri Guinée honyene, ku bantu 396 bafashwe n’iyo ndwara 280 baramaze kwitaba Imana.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.