Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinée : Ubuzima busa n’ubwahagaze ku murwa mukuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée : Ubuzima busa n’ubwahagaze ku murwa mukuru

Guinée : Ubuzima busa n’ubwahagaze ku murwa mukuru

mercredi 7 Nzero 2015

Ubuzima busa n’ubwahagaze ku mugwa mukuru wa Guinée, i Conakry biturutse kuri yegereyegere yo mu bisata hafi vyose yaba mu vy’imibano n’ubutunzi yatanguye guhera kuri uno wa mbere.

Ku munsi wa kabiri amabanki y’abigenga yose yari yugaye, amamodoka mw’ibarabara ntiyariko aragenda ari menshi. Eka n’urudandazwa rwarakozweko n’iyo yegereyegere.
Mu ma karitiye asanzwe yaho i Conakry nk’i Bambeto hamwe n’i Cosa, urwaruka rwari rwazindutse ruhashira amabariyeri. Ariko abajejwe umutekano barashoboye kubashwiragiza kugira hasubire kuboneka uruja n’uruza kuri ayo mabarabara.

Mu nama idasanzwe yakoranije amasendika ku munsi wa mbere yabereye muri komine yitwa Kaloum hagati ku murwa mukuru w’ico gihugu, yamenyesheje ko bahagaritse imirimo kugira basabe Reta ibongerereze agashahara basanzwe bahembwa, ayo masendika akaba yamenyesheje ko bariko babandanya ibiganiro na Reta.

Reta ya Guinée nayo yaciye itanga itangazo aho itanga umuco kuri iyo yegereyegere y’abakozi bose muri rusangi. Nk’uko umuvugizi wayo Albert Damantang Camara abishikiriza inyuma y’inama yagiranye namwe muri ayo masendika, Reta yabasavye ko bokwemera ikabongerereza agashahara uku gukurikira, mu kwezi kwa Ndamukiza ikabongera ibice 15 kw’ijana, mu kwezi kwa Mukakaro ibice 10 kw’ijana mu kwezi kwa Gitugutu ibice 10 kw’ijana muri uno mwaka w’2015.

Ariko rero ayo masendika yo yabihakanye mbere basaba ko yobongerereza ibice 50 kw’ijana . Ivyo Reta ibona ko itoshobora kuko mu mafaranga izokoresha muri uno mwaka bitarimwo kandi vyohava vyonona n’iyindi migambi abasanzwe babafasha bari bemeye.


Floxella Karire

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.