Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gukunda ntukundwe nivyo vyatumye Hitler yica abayahudi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gukunda ntukundwe nivyo vyatumye Hitler yica abayahudi

Gukunda ntukundwe nivyo vyatumye Hitler yica abayahudi

vendredi 14 Ruheshi 2013

Abantu benshi bamenye ko Hitler yari umugabo w’urwanko rurenze urugero cane, yanka ubwoko bw’abayahudi kugera aho vyashitse aho abakorera ihonyabwoko kandi urwo rwanko rukaba rukomoka ku mukobwa w’umuyahudi Hitler yari yakunze ubwa mbere mu busore bwiwe nawe aramubenga, aca ahera aho yanka ubwoko bw’abayahudi.

Adolphe Hitler arazwi cane nk’umwe mu bagabo bakora ikibi babayeho kuko iyo abasirikare biwe bari ku murongo, yaca arasa insasu impande yabo hama umusirikare ahagaze nabi, atagoroye umurongo agahitanwa n’insasu.Mu busore Hitler yakundanye n’umwigeme w’imyaka 16 yitwa Stephanie Isak kandi nk’uko bisomwa mu bitabo, amakuru avuga ko Hitler atavutse ari umugome nk’uko yaje kumera mu nyuma. Ikindi ngo yaratinya cane ari navyo vyatumye yaresha uwo mwigeme abinyegeza.

Haratowe udukete twinshi Hitler yarungikira uyu mwigeme kandi vyaragaragaye ko uyu mukobwa atigera amusubiza, gusa Hitler ntiyigeze agira ubutwari bwo kubwira uyu mwigeme ko amukunda naho yabimwereka cane mu nyandiko yamwandikira.

Kuba uyu mwigeme atarasubiza utwandiko twa Hitler vyatumye yiheba cane kugera naho yiyumviriye kwiyahura, ivyo arabivamwo ahubwo yaje kuvamwo umuyobozi akomeye yanka abayahudi, agera naho ahitamwo kubakorera ihonyabwoko kw’isi.

Aho mukumva rero ko gukunda ntukundwe bishobora gutera ingorane ikomeye mu buzima bw’umuntu, kandi ko umuntu ahinduka bivanye n’ivyo acamwo


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.