Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu 7 bishobora gutuma ukundwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibintu 7 bishobora gutuma ukundwa

Ibintu 7 bishobora gutuma ukundwa

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Gukundwa no kwemerwa n’abandi ni kimwe mu munezero w’ubuzima. Ata rukundo,ata bugenzi canke kwitanaho ubuzima ntaco bwoba buvuze .Ibi n’ibintu bimwe bishobora gufasha gukundwa n’abandi mu buzima bwa misi yose.

1.Gutanga umwanya wawe :Iyo wama wihuta, udafise umwanya wo kuganira ntushobora kwinjira mu migenderanire irama, usa n ’umuntu atabaho canke ataboneka.Umwanya uha abagenzi ni nko kuziganya ubugenzi.

2.Gushima abandi :Si ukumubesha ariko umubwira ibivuye ku mutima,iyo yakoze nk’ikintu ciza canke aberewe ukabimubwira bivuye ku mutima.Biraryoshe babikubwiye biguha n’inguvu ukumva ufise agaciro.

3.Kubona ibintu vyiza :Iyo wama ubona ibintu vyiza biroroshe ko nabandi ubibabonako no kubibabwira..

4.Kwama uryohewe :Ntivyama vyoroshe ,ariko ni ukugerageza ukama uvuga ibintu biryoshe ,iyo wama utwenga biraryoshe bituma abo muri kumwe bagubwa neza.

5.Kwiga gusaba :Biratugora kenshi gusaba gusumba gutanga.Ariko gusaba uwundi n’akaryo uba umuhaye ko gutanga,ivyo navyo biramufasha kuko aca abona ko nawe harico ashoboye gufasha,ntakintu kiryoshe nk’ico.

6.Kuryoherwa uriko wumviriza abandi :Kwumviriza uwundi utekanye ukamwereka ko wahaye agaciro ivyo ariko aravuga biraryoshe ariko ni bake babikora, bituma abantu bagukunda kubera ubereka ko bafise agaciro.

7.Ntugacire abandi imanza :Biroroshe gucira urubanza abandi,iyo abantu bamenyereye ko ariko umeze bitanga igicapo kibi cawe.Uba uzi agahande gato k’ubuzima bw’uwundi ni co gituma warukwiye kumureka akabaho yidegemvya uko avyumva, ivyo n’ibintu bishobora abantu bake.


Dorine Irambona

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.