Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gül avuga ko yumvise akamo k’abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Gül avuga ko yumvise akamo k’abanyagihugu

Gül avuga ko yumvise akamo k’abanyagihugu

lundi 3 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu ca turikiya Abdullah Gül, yafashe ijambo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013 rikaba ari irya mbere agize ico ashikiriza kuva imyiyerekano itanguye haraheze imisi ine.

Mu kugerageza gusubiza ibintu mu buryo, Abdullah Gül yavuze ko yumvise ubutumwa bw’abanyagihugu.« Ubutumwa bwumviswe», nk’uko avyivugira imbere y’abanyagihugu kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 03 Ruheshi 2013. N’ihumure rya mbere rero ritanzwe n’uwo mukuru w’igihugu kuva imyiyerekano itanguye, naho yari yamenye kw’igenekerezo rya 01 Ruheshi ko umushikiranganji wa mbere Recep Tayyip Erdogan yakoze nabi mu gusaba ko bokura abaporisi mu kibanza c’i Taskim.

«Nk’uko yabandanije abivuga, intwaro rusangi si mu matora gusa. ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana, umukuru w’igihugu ca turikiya yariko akenguruka kubijanye n’igitigiri c’amanota umugambwe wiwe w’ubutungane n’iterambere waronse mu matora, yongera yemera gushitsa integuro mu kiringo yahawe.

Ubundi butumwa yatanze, ahamagarira abarongoye umwe wese kwiyumva ko ari mu gihugu ciwe. Ubwo butumwa rero bw’umukuru w’igihugu Abdullah Gül, bwerekeye kandi umushikiranganji wa mbere Recep Tayyip Erdogan.

Yashimikiye kubudasa hagati yiwe n’umushikiranganji wa mbere, ko ariwe aza ku mutwe w’igihugu atari umushikiranganji wa mbere. Ariko rero ntiyizeye neza ko ubwo butumwa bushobora gutuma imyiyerekano irangira.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.