IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Gushiraho umuvugizi umwe w’imigambwe itavuga rumwe na Reta birateye (...)

Gushiraho umuvugizi umwe w’imigambwe itavuga rumwe na Reta birateye impari

mardi 25 Kigarama 2012

Kuri uyu wa mbere itariki ya 24 kigarama, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Eduard Nduwimana yarabonanye n’abakuru b’imigambwe na ba bulamatari b’intara zose kugira barabire hamwe ivyerekeye itunganywa ry’amanama y’imigambwe.Ikibazo c’umuvugizi umwe w’imigambwe itavuga rumwa na Reta nta nyinshu kiraronka.

Muri iyo nama yamaze amasaha hafi atanu, ku rutonde hari ibintu bibiri nyamukuru : kurabira hamwe ibijanye n’ingene imigambwe itunganya ama nama yayo hamwe n’ukwiga ingene imigambwe itavuga rumwe na Reta yoshiraho umuvugizi umwe rudende wo kuyivugira akanayiserukira. Umwanya munini abari bitavye inama bawumaze bariko baharira ku bijanye n’ishirwaho ry’uwo muvugizi.

Imigambwe rero ifise ivyiyumviro bitandukanye kandi bihushanye ku vyerekeye ishirwaho ry’umuvugizi umwe w’imigambwe itavuga rumwe na Reta. Bamwe mu bakuru b’imigambwe bagira bati, uwo muvugizi yaratevye abandi nabo na cane cane abo murunani ADC-ikibiri rutemeye ivyavuye mu matora bati « Mbega abatavuga rumwe na Reta ntibazwi, aho Reta ishaka kwisamaza» .Ikibazo nyamukuru aha n’ukwumvikana k’umuntu yoja muri ico kibanza c’umuvugizi.

Bamwe bashigikiye ko umugambwe waronse amajwi menshi mu matora yo mu makomine yo mu mwaka w’i 2010 ariwo wocuronswa ico kibanza abandi nabo bakavyiyamiriza. Abo bavyanka basaba ko hobanza hakaba ibiganiro n’imibonano hagati y’abanyamigambwe kugira bonyene bitorere uwobaserukira. Mu runani ADC-Ikibiri hoho bavuga ko imigambwe itavuga rumwe na Reta izwi naho batabidudurirako baba bariko barivuga kuko urwo runani ruhurikiyemwo imigambwe itemeye ivyavuye mu matora yo mu mwaka w’i 2010.

Ku ruhande rwa Reta umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana amenyesha ko uwo muvugizi umwe rudende w’imigambwe itavuga rumwe na Reta ategerezwa kuboneka vyanka vyakunda mu ntumbero y’ukugabanya ico yita « akajagari ». Umushikiranganji Nduwimana asigura ko uwo muvugizi yoheza agahora ariwe abazwa vyose, akaja hagati y’imigambwe itavuga rumwe na Reta eka ngo akanaseruka iyo bikenewe kugira ashikirize ivyiyumviro vy’iyo migambwe imbere y’abandi bose baba bafise ico bafashanya n’u Burundi(différents partenaires).

Nayo abibaza ko hariho imigambwe itavuga rumwe na Reta kubera hariho urunani ADC-Ikibiri, umushikiranganji avuga ko urwo runani rutazwi n’amategeko. N’aha nyene abanyamigambwe ntibahahuriza, bamwe bagira bati ahubwo Reta niyemere ije hamwe na ADC-Ikibiri bumvikane abandi nabo nk’umukuru w’umugambwe PPDRR bati umushikiranganji yaratevye gufatira ibihano urwo runani kuko rukorera mu kajagari rutazwi n’amategeko.

Inyuma y’impari nyinshi, abari mu nama bahavuye bumvikanye gushika mu kwezi kwa Nzero abagize imigambwe bazoba bamaze kubonana maze bashikirize Reta uwo bahisemwo ngo ababere umuvugizi w’imigambwe itavuga rumwe na leta. Aha, umushikiranganji ntarya umunwa. Kubwa Edouard Nduwimana ngo imigambwe nitashobora kwumvikana, Reta izoca ibahitiramwo yisunze ibiri mw’ibwirizwa nshingiro, itegeko rigenga amatora hamwe n’irigenga imigambwe. Naryo ngo riratomora neza ko acaba uwo mu mugambwe watsinze amatora yo mu makomine, nawo si uwundi ni FNL.

Ikibazo kindi gica kivuka n’uko FNL irongowe na Emmanuel Miburo muri kino kiringo hari abatayemera bakavuga ko umugambwe ukiri uwa Rwasa Agathon yahunze inyuma y’amatora yo mu mwaka w’i 2010 akaba n’ubu akiri hanze y’igihugu mu buhungiro. Uko biri kwose imigambwe yumvikana canke itumvikana umuvugizi w’imigambwe itavuga rumwe na Reta ategerezwa kuboneka kuko n’uburyo buzokoreshwa n’urwego azoba arongoye yaramaze guharurwa mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’i 2013.

Nayo ku vyerekeye itunganywa ry’ama nama y’imigambwe, abagize imigambwe basubiye kwibutsa ko abajejwe intwaro nka ba bulamatari, ba musitanteri, abakuru b’imitumba batabandikira babasaba impusha ahubwo arukubamenyesha vyonyene. Ivyo babivuga ahanini bafatiye ku makoraniro y’imigambwe imwe imwe iri muri ADC-Ikibiri yaramaze imisi abuzwa n’abajejwe intwaro bari kumwe n’abapolisi bitewe n’uko abanywanyi b’imigambwe iri mu runani ADC-ikibiri baca baherekezanya bose.

Ba bulamatari batahuye ivyo basabwe ariko nabo basavye abakuru b’imigambwe itandukanye kubimenyesha iyo bashitse mu ntara ariko kandi babakuriye inkoni ku gishitsi ko imigmbwe itavuga rumwe na Reta yo mu runani ADC-Ikibiri isubiye guherekezanya kandi uruhusha ruba rwasabwe n’umwe n’ubu ata nama zizokorwa.

I ruhande y’ivyo umushikiranganji Nduwimana yemeje ko agiye gufatira ibihano amashirahamwe amwe amwe atumira abantu biyita abakuru b’imigambwe kandi barayikuwemwo. Aha akarorero atanga n’ak’urunani COSOME rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike akurikiranira hafi ibijanye n’amatora ruhora rutumira Chauvineau Mugwengezo nk’uwufise ishami ry’umugambwe UPD-Zigamibanga. Eka n’amaradiyo hamwe n’ibinyamakuru bihora bibimwitirira, yavuze abikarira ati : « imvo zibibatuma turazizi babigira nkana ariko tugiye kubafatira ibihano basubiriye».

kw’ifoto:Eduard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.