Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gushurashuza ku nguvu vyoba biva kuki? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gushurashuza ku nguvu vyoba biva kuki?

Gushurashuza ku nguvu vyoba biva kuki?

lundi 1er Mukakaro 2013

Gushurashuza ku nguvu ni ngeso idashemeye ikorwa mu mapande zose zo kw’isi. Gusharushuza, ntibiraba umukuru canke umuto, ntibiraba umuzungu canke umwirabure, eka ntibinaraba umugore canke umugabo. Ariko muri abo bose, abahohoterwa cane n’abakenyezi n’abigeme.

”Gufata ku nguvu”, ni ijambo kenshi rigoye ingene barisigura kugira ritahurike neza. Mu bisanzwe gukoresha ku nguvu, n’uguhata umuntu ukoresheje igikenye canke ubushobozi uba ufise kugira yemere ko umufata canke yemere umugirire ivyo ushaka ku nguvu. ”Gushurashuza umuntu ku nguvu ni ukumuhata ko muhuza ibitsina atavyifuza. Ivyo navyo bakaba vyoshobora kuba ku buryo bwinshi : Kubuza amahoro umuntu umwipfuza ko mwohuza ibitsina ; kumukorakora ku bihimba bimwe bimwe vy’umubiri kugira ahave yemera kubera ko aryohewe; gusambanya umuntu ku gahato ; gutuma umuntu agira ubumaraya ; kwemera guhuza ibitsina kubera wipfuza ko aguha amahera, amanota yo mw’ishure n’ibindi.
Umuntu yihweje uburyo bukoreshwa bwo gushurashuza ku nguvu, yoca yibaza igituma abantu bashurashuzwa ku nguvu. Ivyo navyo bikaba bishobora kuba bivuye kuri vyinshi, nk’akarorero:

• Akaborerwe
• Abagenzi babi
• Kwigana ibikorerwa mu mareresi canke ibicapo vyerekana ubushurashuzi
• Urudandazwa rw’abakobwa n’abagore
• Irwirirana ry’amazu yagenewe gushurashurizwamwo
• Guta akaranga
• Kutagira umugayo (Kutagira ico wibanga/ kutagira ico usonera)
• Inyambaro itabereye
• Intambara no kwegeranirizwa hamwe
• Iterabwoba rishimikiye ku bubasha ufise ku muntu
• Ku ngeso mbi umuntu abafise
• Kudahanwa n’amategeko

Gushurashuzwa ku nguvu bikaba bifise ingaruka zitari nke haba k’umubiri, haba mu mibano, canke ku nyifato n’ivyiyumviro. Ku nkurikizi zerekeranye n’umubiri, uwafashwe ku nguvu ashobora kwandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka canke SIDA, hashobora kuba ibikomere canke ubundi bubabare mu bihimba vy’irondoka, n’izindi ngaruka zitari nke. Ku nkurikizi zerekeranye n’imibano, iyo wafashwe ku nguvu, umuryango wose uraguhura ugasigara uri ikimaramare, kugenda baragutunga agatoke, guheba amashure, kubura agateka, canke no kuba nyamwigendako.

Iyindi nkurikizi ku bijanye n’ivyiyumviro uwafashwe ku nguvu agira, birashobora gutuma agira ingorane mu mutwe no mu mutima, si nka kurya k’uwakomeretse uruguma rusanzwe kuko rworwo rukira ni ngonga. Ubutegetsi bwari bukwiye gufatira ingingo ruhasha kuri abo bose bafise ingeso zo gushurashura, bagahanwa bimwe biboneka kugira n’abandi bahakuririre icirwa. Ubundi buryo nabwo bushobora gutuma gushurashuzwa ku nguvu bigabanuka,ni nk’ubu: Guhakanira ushimitse uyo wese arondera kugushurashuza ku nguvu, gushengeza abafata abandi ku nguvu, kwumvisha abavyeyi ko guhumbisha udukobwa dutoduto canke imiyabaga bikwega ingorane, nk’ukurongoza hataragera canke ibindi, maze bakabiheba.

Ikindi naco, kidakunzwe gukorwa cane, uwashikiwe n’ivyo vyo gusambanya ku nguvu ategerezwa kubivuga, akarondera ingene yivuza hakiri kare n’ingene aburanirwa. Abajejwe ivy’ubuvuzi bahanura ko yoshika kwa muganga imbere y’amasaha 72 kugira bamufashe bongere bamukingire ingaruka zohava zimushikira mu nyuma yico caha yakorewe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.