Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gutwenga bifise ingaruka nziza nyinshi ku magara yacu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gutwenga bifise ingaruka nziza nyinshi ku magara yacu

Gutwenga bifise ingaruka nziza nyinshi ku magara yacu

mercredi 6 Ruhuhuma 2013

Gutwenga birakiza imyitwarariko, iyo umuntu yiriwe kukazi yarushe canke yahuye n’ingorane nyinshi cokimwe n’ibimirusha.Birongera bigafasha ugutembera neza kw’amaraso mu mubiri. Ngo abantu bakunda kumeneka umutwe cane (migraine),abantu bagwaye indwara yo kutaronka itiro(insomnie) gutwenga birabafasha cane, kuko umubiri uca usohora ico bita endorphine ituma uca wiyumva neza.

Gutwenga birafasha umubiri wacu kandi birwanya indwara zimwe zimwe. Ivyigwa vyagizwe n’abahinga, vyerekana ko abantu bama bafise umubabaro(emotions negatives) canke ishavu, bafise ubushobozi buke mu mubiri bwo gushobora kw’igwanira.

Nkuko Muganga Lee S.Berk wo muri kaminuza ya Loma Linda muri Reta nzunze ubumwe za Amerika mu ntara ya Californie abimenyesha, ngo gutwenga vyongereza urugero rw’abasoda barwanira umubiri bita Immunoglobuline A.

Gutwenga biragabanya kandi umubabaro kuko iyo umuntu atwenze ngo umubiri wiwe urasohora ico bita endorphine ivyo bigafasha kugabanya ububabare.
Bifasha kandi ku bantu bagwaye indwara y’umutima.

Ivyirwa vyagizwe, vyerekanye ko kubantu bagwaye imitima iyo bamaze iminota 10 batwenga, bibafasha.


Grace Irimbere

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.