Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Haba muri Turkiya canke muri Brésil abakinyi b’Abarundi bariko bigenza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Haba muri Turkiya canke muri Brésil abakinyi b’Abarundi bariko bigenza (...)

Haba muri Turkiya canke muri Brésil abakinyi b’Abarundi bariko bigenza neza

lundi 31 Ntwarante 2014

Urwaruka rw’abakinyi b’umupira w’amaguru b’Abarundi bari mu mahiganwa mu makungu bariko bavyifatamwo neza cane. Aha tuvuga umurwi wa Académie Le Messager uri mu gihugu ca Turkiya n’umurwi w’abana bahoze mw’ibarabara bari mu gihugu ca Brésil mw’ihiganwa ry’abana bahoze mw’ibarabara. Iyo mirwi yose nta n’umwe uratsindwa.

JPEG - 32.2 ko
Abakinyi ba New Generation bari i Rio de Janeiro

Duhereye ku murwi wa Académie Le Messager wagiye guhiganirwa igikombe ca "Rize Cup" kiriko gihiganirwa imirwi y’amashure y’umupira w’amaguru kw’isi, mu nkino zibiri umaze gukina nta na rumwe uratakaza kandi Academie Le Messager niwo uri kw’isonga.

Urukino rwa mbere rwahuje umurwi wa Académie Le Messager waserukiye Uburundi, n’umurwi w’Uburusiya. Ico gihugu c’Uburusiya nticorohewe kuko batsinzwe ivy’umwihariko. Académie Le Messager yatsinze ibitsindo 5 kuri 2 vy’Uburusiya (5-2). Urundi rukino rwahuje uwo murwi waserukiye Uburundi n’umurwi wa Caykur wo mu gihugu ca Turkiya kiriko kiberamwo izo nkino.

JPEG - 114.9 ko
Umurwi wa Academie Le Messager

Igice ca mbere c’urukino caheze ari igitsindo 1 ca Academie Le Messager ku busa bwa Caykur, igitsindo cinjijwe na Tony Irambona. Urukino bivugwa ko rutari rworoshe na gato, rwahavuye rworohera umurwi Académie Le Messager. Ku munota wa 65, umupira wavuye kwa Dannick Nkurunziza batazira "Dannick FuturNziza" uhabwa mugenzi we Museremu Iddy nawe aca yinjiza igitsindo cagakura ari ku metero 20 z’izamu. Urukino ruca rurangira ku ntsinzi ya 2 vya Academie Le Messager ku busa, abakinyi ba Kazadi Mwilambwe baca baja kw’isonga ry’ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa.

Mu gisagara ca Rio de Janeiro muri Brésil, hariko habera inkino z’igikombe c’isi yose ziriko zihuza abana bahoze mw’ibarabara. Uburundi bwaserukiwe n’abana bari mw’ishirahamwe New Generation. Abo bana bamaze gukina urukino rumwe rwabahuje n’abavuye mu gihugu ca Tanzaniya, urwo rwaheze ari ibitsindo 2 ku mpande zompi.

Amakuru dukura i Rio de Janeiro amenyesha ko abana bo muri New Generation baserukiye Uburundi bariko berekana umupira mwiza cane.

JPEG - 32.2 ko
Abakinyi ba New Generation bari i Rio de Janeiro
JPEG - 58.1 ko
Abakinyi ba New Generation bari i Rio de Janeiro

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.