IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Hagiye kwubakwa izindi nyubakwa muri kaminuza y’Uburundi

Hagiye kwubakwa izindi nyubakwa muri kaminuza y’Uburundi

mercredi 5 Ruheshi 2013

Igitigiri c’abanyeshure biga muri kaminuza y’Uburundi caraduze ugereranije n’igitigiri c’abanyeshure bategerezwa ku higa. Hari hategekanijwe abanyeshure bagera ku bihumbi bitandatu, ariko igitigiri kikaba ubu kigeze ku bihumbi cumi na bibiri.

Igihe umushikiranganji Yozefu Butore yariko arishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru, yavuze ko ico gitigiri kinini c’abamenyeshamakuru gituma gukurikirana abo banyeshure mu mashure biba ingorane, ndetse n’uburaro bw’abo banyeshure kikaba ari ikibazo. Yabandanije avuga ko muri ya nama buca ihuza Leta y’Uburundi n’abayifasha mu kwezi kwa Mukakaro, umushikiranganji Butore avuga ko muri iyo nama azoshikiriza ico kibazo c’ubukene bw’inyubakwa muri kaminuza y’Uburundi.

Ikindi Yozefu Butore umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza avuga ni nk’inyubakwa zitatu zitegekanywa kwubakwa muri kaminuza y’Uburundi, imwe ikazoba ari iy’igisata c’uburimyi mu Burundi, iyo nayo ikazofasha abarundi kumenya neza igisata c’uburimyi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.