IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > "Hamwe batotonda ku mashure kw’isango bahawe, ibihano ruhasha (...)

"Hamwe batotonda ku mashure kw’isango bahawe, ibihano ruhasha birabarindiriye"

mardi 18 Ntwarante 2014

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yahamagariye abanyeshure bose gutonda ku mashure kw’isango ryatanzwe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi. Abamaze iminsi bagumura abandi nabo kugira ntibazokwitabe ako kamo canke bagashaka gushigikira bagenzi babo batanu birukanywe, bashobora gufatirwa ibihano bisumba mbere n’ivyafatiwe bagenzi babo, nk’uko bishikirizwa na Gaston Hakiza arongoye kaminuza y’Uburundi.

Gaston Hakiza umuyobozi wa kaminuza y'Uburundi

Kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 18 ntwarante 2014 , umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru, aho agaruka kw’ihagarikwa ry’ivyigwa ku banyeshure bo mu makaminuza ya Reta. Muri ico kiganiro Gaston Hakiza arabeshuza ibimaze iminsi bivugwa ko itegeko inimero 100 /07 ryo kuwa 12 Nzero, risubiramwo uko agafashanyo gatangwa, ari naryo ryatumye abanyeshure bahagarika ivyigwa, rije kunigira mu meshi abanyeshure banyarucari, biga muri iyo kaminuza.

Ku bwiwe , biragaragara ko abatora ikibazo ca Reta harimwo abakire n’abakene, kandi nabo bakene usanga bagiye kwiga mu makaminuza hari abafashwa n’izindi ncuti zitandukanye. Ku bivugwa ko iyo mfashanyo yoba itangwa n’amashirahamwe atandukanye, nk’akarorero ishirahamwe UNESCO , Gaston hakiza arabeshuza. Avuga ko amafaranga bakoresha ari aya Reta gusa , ubu rero Reta ikaba itagishoboye gufasha abo banyeshure bose, kubera ata buryo bukwiye ifise.

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yagiriyeko amenyesha ko ahubwo kubwabo uwo mugambi ari mwiza kuko uzotuma abanyeshure bagira ihiganwa ,ukazotuma kandi abayoberwa bagabanuka. Abanyeshure bahamagarirwa rero gutonda ku mashure kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante, nk’uko bishikirizwa na Gaston Hakiza. Mu gihe naho bokwanka kwitaba bazoba bahisemwo guheba, izindi ngingo zikomeye zizokurikira nk’uko abandanya abishikiriza.

Ikindi kandi, aragabisha abanyeshure boba bariko barabuza abandi kuzitaba akamo canke abipfuza kufata akarorero k’abagenzi babo batanu, baheruka kwirukanwa mu kiringo c’imyaka ibiri kuri iyo kaminuza. Ko bazofatirwa ingingo zihambaye. Tubibutse ko abo banyeshure bahagaritse ivyigwa kuva ku genekerezo rya 12 Ntwarante 2014, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi aca afata ingingo yo kubarungika mu mihana iwabo mu kiringo c’iminsi 10, inyuma yo gufata ingingo yo kwirukana mu kiringo c’imyaka ibiri abanyeshure bitwa ko baserukira abandi, bagirizwa amakosa yo kugumura abandi banyeshure.


Floxella Karire

Messages

  • Mbega mu BA DD ntanumwe yiyumvira imbere yuko akora ikintu nkaho yumva ariko avuga iki ariko aterana ubwoba gusa! Amahera adashika 460.000 euro kumwaka kubanyeshure 17000 reta yuburundi niho izoca ikura inyungu rekaa rekaaa kubesha abantu

  • Asha abategetsi biburundi gutwaza umukazo babigize ingeso jewe mpanura abo banyeshure ntibogiye kuko ntivyunvikana aho avuga ngo uwutaozotonda azofaitirwa ibihano kandi ivyo bashaka bitakoze.

  • la honte ne tue pas nyakubahwa weho ko leta yakurihira

  • Jewe ndi mu mahanga ariko nashaka ngire ico nshikiriza kubimaze imisi bivugwa kuvyerekeye Kaminuza y’Uburundi. Ntakintu kibabaje nko kwumva abategetsi bitwa ko aribo imboneza z’abandi bafata ingingo batabanje kuraba inkurikizi zayo. Mu bindi bihugu reta iratanga inguzanyo ku banyeshure gushika aho baheza amashure hanyuma bahejeje bakabona kuyishura. Ikindi gikorwa, reta irahimiriza abanyeshure bahejeje amashure kwikorera ivyabo mukubaha imitahe (capital) ata kori canke inyungu nini babasavye. Hanyuma kandi no muri politique y’igihugu muri rusangi, reta iraraba ingene igira amaprojets azoha urwaruka akazi hamwe nokugerageza kuzana abashora mari mu gihugu gutyo bagatanga akazi mu rwaruka. Iwacu mu Burundi nugufata ingingo gusa bataravye ingaruka zayo, noneho nkayoberwa ko n’uwo ayifata aba yafashe umwanya wo kwiyumvira narirya yitwa ko yize. Bananiwe gutanga iyo 31.000FB ku kwezi ariko ama miriyaridi yirigwa aribwa yo araboneka kandi arinayo yofashije urwo rwaruka canke akarurondera ubuzi bazokora bahejeje amashure. Birababaje!!!!!

  • Ngore Reta ntamikoro none ngahavuziki?kobavuga kwibintuvyose vyera?nyombarayokwiba amatora mushaka uworaba imidugamugenderamwo na mazu adasiba kuduzwa akumva nibinyoma muvuga nyabuna nimwikebuke muvibuzimu mujibuntu

  • uwo mu recteur yarakoresheje amakosa ministre mukwirukana no mugufuta barya ba étudiants batanu baserukira abandi nico gituma mubona aguma agerageza gucanishamwo abo banyeshure . mbe abatumako niw yabirukanye cank asigaye ari umuvugizi wa ministere de l’enseignement supérieur ?mbe murico kiganiro DG wa ENS barikumwe ko nzi nahone birukaniwe rimwe.nosaba abanyeshure kuguma bafatanye munda bazorutsinda kuko bari mukuri.

  • yaba arayo biba yaboneka.kazoza karihe urwaruka rutize,jewe icombona hamwe bosubirayo icobamariyimisi10 nicatumwe hirukanwa bagenzi babo,boba bihenze cane kuvyobaharanira akamaronakahe kubobirukwanwe canke kobakwariguta mukaga bagenzibabo birukanwe

  • Ivyo leta y’uburundi iriko ikorera urwaruka rwo muri kaminuza, iriya ngingo yo kubima bourse yari ikwiye guhindurwa bakagira nko mu bindi bihugu aho usanga umunyeshure atishoboye leta imufasha hanyuma akariha amaze gutangura gukora. Arko nsubiye inyuma gato nciye mbona n’ikibazo kandi kinini ko ar akazi mugabo leta irakwye gushiraho politique yo gufasha urwaruka kwironderra akazi mu kubaha ingurane (capital) idasaba inyungu y’umurengera kdi ata caution zirinze gusabwa hama umwe wese ashire muri application ivyo yize mw’ishure.

  • Ariko abarundi twibagira ningoga kweli.Iyo Gaston ariko avuga ivyo aba yasubije umutwe inyuma akibuka aho yavuye?Kiriya gihe yiga iyo Leta itamurihira yari kwirihira gute?Iyo avuga ngo hari abarihirwa nincuti ngo amaze kurihira bangahe mu ncuti ziwe ko ari ukwirirwa akwega umunwa gusa mu ba DD asehera inda yiwe gusa ituzura?Narindire umunsi bahejeje kumukoresha ayo mafuti bazomufate mukanigo bamubaze ivyo abiciwe aho nyene atwara ubu muri 95-96!Ntiyakora aho nyene ntabizi..Ukagira ni urukundo rwa cane bamukunda?

  • Si le coût du stade fantôme de Buye (60 milliards dit-on) avait servi àla promotion de l’enseignement supérieur, les édutiants de l’UB passerait une dizaine d’année sans problème de bourses et logement. Les parents les plus pauvre sont parmi ceux qui ont choisi le CNDD FDD. Le CNDD FDD est entrain de couper l’arbre surlequel il est assis, 2015 sonne le départ de ses maquisards promus en politiciens. Aba poilissimes niho tugomba turabe ico barusha aba néants.

  • None hoho muduhera twintica ntikize bahembwa bahejeje amashure hanyuma bakavuga ko boyiga kungurane none mwunva uwomuntu azoca atera imbere ryari??ahejeje agahembwe rumwe hanyuma bagakuramwo ideni??ego abatembera bazi nibindi bihugu niko bimeze ariko bo bahembwa neza si nko muburundi:

  • jew niyumvirako mwari mukwiy kwiyumvirakuri banyarucari ahndihomushak"uwavuts kunkende apfe yuririgiti"abanyeshure muzoba mubacanishjmwo nimubah basabkanyuduhari

  • Ico kibazo kirarengeye Gaston cane.Ni hamwe bama bashaka kwerekanako bariko barakora gusa!
    Bahe utwo tu dollars 20 ku kwezi bibereho!

  • Banewacu Mucubwenge Jemugihugundimwo Nuko Bimeze Ariko,bariga Bakanakora,akazi Akarikokose None Nibagakureho,muzocakenge Naho Amaseyakerantagihoma Urutaro Icigwa,cambere Ninzara Muzoyimbaze 250727948017

  • Emwe mwavuga ntimwavura.Umuyobozi wa kaminuza nasigeho iterabwoba.aho agomba abandi azorementaniriza.ubu ho ngo batanguy gutanga igiturire.Ico giturire ni co cobaye bourse.GUMA MUFATANYE MU NDA MWA BANYESHURE BA UB

  • Birateye agahinda reka da!!!!. GASTON HAKIZA aka kanya uribagiye aho wavuye?? Ba wibuka ko wize LETA ikurihira!! 95-96 abapoils baragandaguriwe aho muri kaminuza nawe ariho uri . ubu naho ugira ufash LETA yakuririhiy mukunigira mu menshi UMUPOIL. #! ??ngo apr toi LE DELUGE? songambere! Mukor mwibuka ko tubarorera! coute k coute mutegerezwa kuvyishura!

  • Birakenewe ko abarundi tumenyera ibihinduka ntibizokwama biri uku tubibona.igikenewe nuko twomenya ingen tuvyifatamwo gusa.Abanyamigambwe ntibadusamaze nagato ntanumwe avuga ico yokora ariwe ahari kuko yokora nkuko nyene, abanyeshure mwige ibibazo birabandanya ntibirahera ubuzima nukumenya gutorera inyishu ibibazo bibaye

  • nimwirekere kuko gaston yararozwe narindire bo na edouard ntibavyaye nibagombe bahungishirize mumahanga uku bariko barica abana babarundi ababo ntibazomenya iyo baguye ayo mahera bariko baraca mukuniga niyo azogarukana ibiziga vyabana babo kiretse nibagira amahigwe ntihagire uwuba ari hanze gaston ikebuke utararengegwa nifurufumbi reka abana bigihugu bige nawe niho waciye ndakurahiye nturiko ukora nabi ubgoko bgose uzirabira sindakubesha abo bana uriko urarya uzobibona ico nohanura abana aribo burundi bgejo nimugume mufatanye munda mbega ko abahenda ngonimuze kwiyandikisha muzoba mwaronkejwe ivyo musaba bakunda gucanishamwo murabamaso kuko nibinyamaswa gaston urakwiye gukinjura kuko ntaco umaze sindakubesha urigihemu camuje

  • mbega abatwara barabona yuko bakize ,bati reka tuzibire aho twaciye,banyarucari bareke kuduga,bakibagira ko baje bava muri abo banyarucari,igihugu kikabafasha,bakiga bagaheza,none bahimvye ntacoyimena bibagira ko intabwe ikiri ndende ,ni bakunde bumvirize abanyeshure,bareke kubirukana,kuko"uwanka agakura ibaga umutavu" niba badashaka ko hakura imitavu yabo.banyeshure komera kwibanga uwutangira inasenge irisenga mukomere ku muheto mukingire uburundi n’abarundi na canecane banyarucari ,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.