Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Harabonetse uwagiriza William Ruto muri sentare mpuzamakungu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Harabonetse uwagiriza William Ruto muri sentare mpuzamakungu (...)

Harabonetse uwagiriza William Ruto muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha

mercredi 18 Nyakanga 2013

Uwufise ivyagirizi wa mbere mu rubanza rwa William Ruto, icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya yatanguye gusura ivyo azi ku rubanza rwa William Ruto, muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye.

William Ruto n’umumenyeshamakuru Joshua Arap Sang bagirizwa kuba bari inyuma y’ibikorwa vy’ubwicanyi vyakurikiye amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’2007.

Uwo afise ivyagirizi wa mbere w’ivyaha vyagirizwa William Ruto na Joshua Arap Sang yari mu bantu bari mu rusengero rwaturiwe mu karere ka Rift Valley, mu kwezi kwa mbere, mu mwaka w’2008.

Abantu bari bhungiye muri urwo rusengero, haheze umwanya, haza imisore iraruturira, abantu mirongo itatu na batandatu baca barahasiga ubuzima.

William Ruto yagirizwa hamwe n’umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta. Urubanza rwiwe ruteganijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Abo bagabo bose uko ari batatu ( Uhuru Kenyatta, William Ruto na Joshua Arap Sang) barahakana ivyo vyaha bagirizwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.