Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Harakwiye ingingo ziherekeza kurwanya utumywanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Harakwiye ingingo ziherekeza kurwanya utumywanya

Harakwiye ingingo ziherekeza kurwanya utumywanya

vendredi 25 Gitugutu 2013

Mu gihe ibindi bihugu nk’ igihugu kibanyi c’Urwanda, icitwa akamwanya gisigaye ari umugani ku mvo y’uko twonona ibidukikije tukongera tugatera umwanda. Mu gihugu c’Uburundi turacakoreshwa ukuri kwamye. Itegeko rero ryo kuturwanya mu Burundi rikaba ryarakozwe ariko habuze ingingo ziriherekeza.

Gukingira ibidukikije n’uruhara rwa buri muntu wese, kandi bifata ibisata vyinshi vyo mu bushikiranganji butandukanye bwo mu gihugu c’ Uburundi, aha twovuga nk’akarorero ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, igipolisi gikinga impanuka, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi hamwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta, ku mpamvu y’uko amafranga ava mu bidukikije yinjira mu kigega ca Leta.

Uruhara rero rw’ivyo bisata vyose vyo mu bushikiranganji n’ububasha bwabo bwose, vyotuma harwanywa kwonona ibidukikije. Nk’akarorero gukoresha utumwanya, umuyobozi mukuru w’amashamba n’ibidukikije, Antoinette Macumi yamenyesheje ko itegeko rijanye no gukingira amashamba n’ibidukikije ryaramaze gukorwa ahubwo hasigaye ingingo ziriherekeza gusa.

Ku kibazo c’igituma iryo tegeko ritaja mu ngiro, Umupfasoni Antoinette Macumi amenyesha ko ari kubera ubwo bumwanyi busanzwe bukoreshwa mu gutekera imfungurwa mu Burundi. Akabandanya amenyesha ko bariko baraba ibishoboka kugira batore uburyo bundi bwo kuza baratekeramwo, kugira birinde indwara zivuye ku mwanda, kuko nta numwe ayobewe ko imfungurwa zidatekeye neza zitera indwara nka korera hamwe n’izindi ndwara zo gucibwamwo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.