IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Ingaruka mbi zo kwikinisha (masturbation)

Ingaruka mbi zo kwikinisha (masturbation)

mercredi 3 Kigarama 2014

Hari abantu bafise ingeso yo gukinisha ibitsina vy’abo (masturbation), iyo ngeso ifise abahungu nk’uko ifise n’abakobwa canke abagabo n’abagore bamwe bamwe. Abenshi baribaza igituma umuntu yikinisha, ico yunguka n’ingaruka mbi zivuye mu kwikinisha.

Kwikinisha bivugwa ku bantu bakabura (stimuler) ibitsina vy’irondoka vyabo canke ibindi bihimba vy’umubiri bakoresheje amaboko canke ibindi bikoresho (jouets). Ivyo benshi babigira kubera gushaka kugira imibonano mpuzabitsina ariko bakabura uwo babigirana. Bamwe mu baganga bavuga ko kwikinisha ari vyiza, Dr Freud akavuga ko ari vyiza kubera bigabanya umubabaro (frustration), bigatuma umuntu yumva ameze neza mu mutwe.

Amakuru dukura mu kinyamakuru Gabonlibre.com arerekana ko kwikisha bifise ico bifasha ku magara y’umuntu, ariko rero ingaruka mbi nazo ni nyinshi kandi zirababaza gusumba.

Ico kinyamakuru candika ko kwinisha bifise akamaro gakurikira :

- Kwikinisha bifasha umugabo kurangura neza amabanga mpuzabitsina

- Biragwanya indwara ya canceri ifatira mu matengatwa

- Biragabanya umubabaro canke umwitwarariko urenze (stress)

- Ku mukobwa birongereza kuryoherwa mu gihe c’imibonano mpuzabitsina

- Birongereza agatiro

- Biragabanya umubabaro (douleur)

Naho biriuko, kwikinisha bifise ingaruka mbi cane ku magara y’abantu. Izo ngaruka zavuye mu matohoza yagizwe n’abaganga bakuru bo mw’idini rya Isilamu( rimwe mu madini arwanya cane kwikinisha), ingaruka mbi ni izi zikurikira :

- Kwikinisha bituma umuntu aba ingumba canke bikanka ko igitsina ciwe gisubira gushukwa (l’impuissance ou la stérilité). Ivyo bitumwa n’uko akaringoti (Veine) gatwara amaraso mu gihimba c’irondoka c’umugabo gashobora kwuma bukebuke (assèchement progressif) hanyuma igitsina kikuma kubera kubura amaraso. Muri ico gihe, hari utundi dutsi two ku ruhande duca tugomba gukora ico gikorwa natwo tugasitanisha amaraso bigatuma rero umugabo abura inguvu canke ntashukwe mu gihe c’imibonano mpuzabitsina.

- Gusuka intanga umwanya wose bituma intanga zibura (appauvrissement des spermes). Ivyo bituma amatengatwa (testicules) asigara agaragara (vides), bigatuma haca haba igikorwa gikomeye kandi cihutirwa kugira intanga zasohotse zisubirizwe vyihuta. Ivyo rero ntivyoroha mu gihe hari ivyunyunyu nkenerwa mu mubiri kugira izo ntanga ziboneke ku bwinshi kuko usanga umuntu adafise ivyo vyunyunyu canke afise bike. Ivyo rero bica bituma amatengatwa akora intanga nke kandi zitameze neza ariyo ntango y’ubugumba.

- Abantu bikinisha kenshi baratinya abo badasangiye ibitsina ugasanga binjiye mu murwi w’abahuza ibitsina babisangiye.

- Kwikinisha bituma igihimba c’irondoka gitakaza kwigumya, ntikigire ico twokwita " hypersensibilité". Muri ico gihe intanga z’umugabo zishobora gusohoka bivuye ku bintu bisanzwe, akarorero : intanga zirasohoka iyo ipantaro canke agahuzu ko munsi gakoze ku gitsina, iyo umugabo aravye amashusho y’ubusambanyi, canke hagasohoka duke duke mu masobe. Ivyo bituma hasubira kuba ca gikorwa gihambaye co gusubiriza intanga zasohotse.

- Kwikinisha bituma iyo umugabo asovye n’inguvu hazamwo n’intanga,

- Biratuma umuntu adashobora kugumya amasobe cane cane igihe ariko aratwenga canke ateruye ibintu biremereye

- Bituma abagabo basohora intanga hataragera mu gihe c’imibonano mpuzabitsina.

Igice ca kabiri c’ingaruka mbi zo kwikinisha tuzokibashikiriza mu makuru yacu yo hanyuma.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.