Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amaze imyaka 35 yiyita Yezu umwana w’Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amaze imyaka 35 yiyita Yezu umwana w’Imana

Amaze imyaka 35 yiyita Yezu umwana w’Imana

mercredi 8 Nzero 2014

Hari umugabo amaze imyaka n’imyaka yigisha ijambo ry’Imana yiyita Yezu kandi n’abantu batagira uko bangana bakamukwirikira, maze n’inyigisho ziwe bakazifata nk’uko zoba zitanzwe na Yezu.

Umugabo w’umuhumure afise imyaka 66 aturuka mu gihugu ca Brésil amaze imyaka 35 yigisha ijambo ry’Imana. Muri we yibaza ko ari Yezu yoba ari kw’isi, mugabo akavugira muri we.
Inri Christo niryo zina ry’uwo mugabo. Afise abantu amajana n’amajana bamukwirikira kandi bamuyoboka bari mu mpande zose z’isi, harimwo ibihugu vy’Ubwongereza, Ubufaransa, n’Ububirigi. Abenshi bashimye kugumana nawe mu kibanza kinini kirimwo urusengero rwiwe ku murwa mukuru w’igihugu ca Brésil (Brasilia).

Kuva mu mwaka w’1979, Inri Christo yaratanguye kuzunguruka isi yigisha ijambo ry’Imana mu kibanza ca Yezu, ibihugu bigera kuri 27 vyo kw’isi aramaze kubigendera, ariko hari ivyanse kumwakira na vyo ni Amerika, Venezuela n’ibindi.
Inri Christo asemerera avuga ati : "Ndi Yezu." Ivyo abivuga imbere y’abayoboke biwe basanzwe baba mu kigo kinini kirimwo n’isengero mu gisagara ca Brasilia.

Inri Christo yivugira ko ari Umwana w’Imana, akoresha cane cane ururimi rw’Ikiratini, ati : "Ndi Yezu w’i Nazereth", avuga rero ko aho hantu hari isengero ryiwe ko ari igisagara ca Yerusalemu nshasha.

Abantu benshi muri abo bayoboke biwe ni abagore, kandi baba aho hari iryo sengero ryiwe ryitwa Soust “ Suprema Ordem universal da Sentmssima Trindade”. Abo bayoboke biwe, aho baba, batunzwe n’ivyamwa nk’amavoka, imihwi, imyembe eka n’ibindi biva muri uwo murima wiwe. Ivyo vyose birarirwa n’imbwa nyinshi asanzwe atunze. Arafise kandi uruhimbi ahagararako mu kwigisha. Iminsi yose mu gitondo c’umunsi wa gatandatu aca atangura imisa.

Muri abo bantu, hari abamaze imyaka 10 muri ico kibanza. Harimwo uwufise imyaka 86 y’amavuka, mutoya muri bo afise imyaka 24, uwo nawe yagiye kwa Inri Christo afise imyaka 2 gusa.

Ayo mazina yiwe Inri Christo, ari mu rurimi ry’ikiratini, Inri Christo rwanditse ku musaraba wa Yezu risigura« Yezu w’I Nazareth Umwami w’Abayahudi», Christo risigura, «Christ». Mu nyambaro yiwe, yambara nk’uko Yezu yambara. Yambara ikanzu nini cane ifise umugozi mu nda kurya nyene Yezu yambara.

Yemeza ko yahishuriwe ko ari Yezu kuva mu mwaka w’i 1979, igihe yari mw’isengero i Santiago, mu gihugu ca Chili. Kuva akiri muto, avuga ko yumva ijwi rivugira muri we rimubwira riti : "Ndi so wawe. Imana ya Burahimu, ya Isaka na Yakobo".

Naho biri uko, Inri Christo yiyita Yezu ntahimbaza umunsi mukuru wa Noel. Kuri we, uwo munsi ni uwo gucinyiza abakene. Ati : "Uwo munsi ni uwo gucinyiza abakene kuko abana b’abatunzi bishima ku bana b’abakene babereka ivyo baguriwe n’abavyeyi babo, abandi nabo batora udusigazwa. Ni umunsi mubi cane ku bantu bafise amaso ngo babone ibintu uko ndabibona".

Ubwo buzima bwiwe busiga ubwenge butangaza benshi, bamwe bibaza ko yoba ari umusazi. Ariko ivyo arabihakana, avuga ati : "Nta na gato sindi umusazi canke intumva. Icanzanye ni gutegura abantu bashasha bazosigara kw’isi nshasha inyuma y’umuhero w’isi."


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ngaho rero abemera ni bemere, harya pe uwomwica yozozuka nka Yezu twigishijwe? Iyaba ndi hafi ye, twomugambaniye maze tukamwica nkaraba ko YIZURA mubapfuye hama nkirega munyuma namunyaye.

  • hahaaaaaaaaaaa... uwo mugabo ni umusazi pee!! bamufunge ningoga

  • Uyu ni umusazi! Igitangaje ni izi ndindagizi zamuyobotse!

  • aze yihende aziwacu azotubwira aho yabereye Yezu. Twoca turondera pirato2 kandi ntiyomwihanganira pe!

  • Azoze iwacu azotubwira aho yabereye Yezu. Tuzoca torondera pirato2 ntazomwihanganira pe!

  • Ababonera ibintu kure nimumenye ko uguhona kwa yerusalem kwegereje kuko Yezu yaratubwiye ko mugihe cukuza kwiwe hariho abaziyita kristu bakazimiza benshi
    None uwamere nuwo kandi akarorero kabi ntikazobura ariko aragowe uwokazovako

    Nimusenge mukuri no mumpwemu kandi mwizereko atawundi nzira nubugingo ati yesu kristo wenyene .MANA MUSHOBORA VYOSE DUFASHE GUKIRA IBIVYAGO USUBIZE HASI ABISHIRA HEJURU ,OKORERE HASI ABO BAGOMBA KWIYITA UMWANA WAWE KUMWE WAKORORA SHETANI

  • Mwiriwe yezu akuzwe!uyo muntu jewe sinumva mangene yokwiyita umwana w,imana none mwumva akora ibitangaza uretse izobwa aha ivyo vyamwa vyiwe? Mbega abo bayobokebe munyumvira ababatiza mbega demokarasi ubwo nareta yaramwihoreye aguma yicisha abantu ivyamwa vyiwe jewe nzoja kumwirabira pe igihe murakoze. Ndabashimiye ku makuru muduha.

  • uwo ni umusazi ni bamwice turabe ko yizura hubwo ntibamufunge

  • uwo ni umusazi ni bamwice turabe ko yizura hubwo ntibamufunge

  • ibitwenza ntibibura pee!! uyu mugabo aje avahe?

  • Hahahahahaaa,,Abo mwese muvugivyo ko mwomwica mwotangara mumukwirkiye atevye ataje ngaha muri africa mwibaza ko musunvya ubwenge nububenyi abo bamukwirikiye bakwirikiri Zebiya boreka gukwirikira uwiyita Yezu akuze ahubwo nugusenga ako kabi kaze kagume iyo nyene iwabo,,kandi ndi baza abo mwese mwanditse ivyo ko musoma vyinshi muri internet::just read what Satanic chuch talking about than u gonna know hw many people join that satanic chuch and which people join it

  • Hahahaha, ariko mwebwe mumuravye mubona imforo, inyifato, eka ningene asa, mubona ari umucunguzi wacu kweri ? Amaso yiwe akanura nk’umusuma, mubonana afise amaso y’imbabazi nk’umucunguzi wábantu kweri ? Mbega ko twamenye umwami wacu ko yicisha bugufi, akigira umuntu muto winyuma y’abantu bose , mubona uyo agenda areruwe nk’umwami w’abisi , uyo nico kimwe naba Zebiya, ba Migurumiko, eka n’abandi bose bagiye baragira ingorane zitandukanye mu buzima bagaca barondera ubundi buryo bwo kubaho. Ariko ico nobwira abantu bemera Imana bakemera ko Yezu Kristu yabaye 1 ata wundi azoboneka ko boreka gukurikira ubwije kandi Yezu yari yarabivuze imbere yuko yisubirira kwa Se, kandi niyagaruka ntazoza ari nkuyo w’isi ! Ndasavye abaemera Yezu Kristu ko bokanura caane kuko ca gihe kirageze Yezu yatubwira . BA MASO RERO AHO MURI HOSE. Imana ibane namwe.

  • Uwo muntu araza nu Burundi ahindure amazi acike ibiyeri na Amstel urabe ko abarundi bose batazomukurkira eeeeeh basha ibara ryaraguye mw’ibarabara!

  • eeeeehhhh basha ko mbbona bitazoroha.

    barundi barundikazi muramenye basha ivyo twumva bishobora kuzodushikira, muririnde.

  • Uyo mugabo akwiye kubohwa akava mubantu,Umwana w’Imana tuzi n’umwe gusa!!! Ibitari bize!!!

  • Yesu yavuzeko mugihe cihererzo hazoza benshi biyitirira izina ryiwe,nivyo rero ntabindi ariko kuwuzi Yesu umwana wimana nawomuhenda

  • jewe ndumuntu ataramenya imana neza , ariko nsomwe yohani ,19-2-3
    ndabo nayezu bavuga nkuko ibibinturero biragoye arikouyumuntu ntundamuziko ntaniconomuvugako.

  • KUBERIKI VYOSE VYITWA IMANA?

  • Ibihe nta gitangaje kirimwo.Abasoma bibiriya bongere bayisome basuzume.
    Ibiri canke ibije biba vyarigeze kubaho nibizoza biba muri kahise bifise ibomenyetso ko bizoza.
    Rero bibiliya yavuze ko yesu azoza BOSE baramwitega mbere ,hakivurwa ko mesiya azoza ,ubuhanuzi bukiza hari abizera bamwe abanyiserayeri
    igihe gitevye habaye amadini menshi BOSE bavuga ko mesiya aza umucunguzi:
    abasadukayo, musomye bible mubona imirwi myinshi ifise ivyo itandukanyeko!
    yesu aje yaje uko batiteze ntibamumenya yarwanijwe nabari bamutegereje!
    ikindi gikomeye imbere kwaza hari abaje biyita yesu bakwirikirwa nabenshi,ariko ntivyaramye,
    ariko munyuma yesu yaraje
    mumenye ko nubu abatavyizeye barindiriye ko mesiya aza,akarorero abanyisirayeri nubu barindiriye Mesiya

    Uyu munsi l histoire se repete:
    yesu aritezwe kwagaruka kamdi ningombwa aze hagomba kuboneka ko haza mbere yiwe bavuga ko yaje nkuko vyabaye muri bible na nyuma yaje haza Abigana kuko bikorwa na satani,
    muri kongo jari uwiyise yesu,
    Mukuna,ntakiriho,uri afrika yefo ara hari nubu baramusenga,uri kenya ariho avyivugira,
    ariko kuba mubona ivyo biza nuko haba hari ibanga ntimukabitere umugongo nugusuzuma kuko azoza bamwe
    bamuyoberwe ,
    abandi barwanye
    mkuko vyamye aho mbere niko nizoba
    Jewe kuva les annees n1991.nakurikiranye ivyo nsoma bible,nsoma nibitabo bitandukanye nabagihiye bitwa yesu yagarutse ntahura nimpamvu vyose biba uko

  • vyari vyaravvzwe ko yesu ataraza hazoba abigi ra yesu ariko yesu yavuzeko bazovuga gwari hariya ntituze tujeyo ariko ukuza kwiwe (yesu) nuguhambaye n’inda zohagarara? nuwemeye kwihana ivyaha mwizina ry’iwe

  • Uwonumusazi.Nikuki Atobambwankayezuwabakristo?Yesu Yememerwanaba Islam Ntamugoreyakunda.Nayuwagenderakukidirigi;narongor’arekegupfuvyabakenyezibabandi.Mbe Abobagorebasengiwebarafisabagabo?Ya Allah Tuurumiye Tena Umutengekama Urivyotenga Falao( L.I)

  • Naw Ntiyizi Uwariw Ico Nic Cari Kumubwirak Ari Shetani Iriko Imukoresha.Uwo Mu yesu Nuwab Bagor Twe Uwac Ari Mwijuru Ntaraza

  • Ivyo bintu bivahe mwandka?

  • Icombona Abantu Niko Twomenya Kisi Sekibi Yamaze Kuyigarur .Nabakorera Satani Basigaye Babicisha Mumana Nimuri Yesu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.