Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Irland : Hatowe ikinogo cahambwemwo abana 800 mu kigo c’ababikira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Irland : Hatowe ikinogo cahambwemwo abana 800 mu kigo c’ababikira

Irland : Hatowe ikinogo cahambwemwo abana 800 mu kigo c’ababikira

mercredi 4 Ruheshi 2014

Ibisigarira vy’abana b’inzoya 800 vyatowe mu kinogo kiri ahahoze haba ababikira bo mu muryango waba "Soeurs du Bon Secours" mu gihugu ca Irland mu ntara ya Tuam iri mu burengero. Abo bana bazanwa n’abakobwa bavyaye ishushu kugira barererwe muri ico kigo.

Kuva mu mwaka w’1925 gushika 1961, i Tuam mu gihugu ca Irland haba ababikira bo mu muryango w’aba "Soeurs du Bon Secours". Muri ico gihe abakobwa batwaye inda z’ishushu baca batwarwa muri ico kigo kugira bavyarireyo mw’ibanga, umwana bagaca bagumiza aho kugira azoharererwe.

Inyuma y’imyaka 50 ico kigo kihavuye, ivyigwa vyakozwe vyerekana ko abo bana bari bafashwe nabi cane. Abana barwara indwara z’igituntu, ubukangwe, guhema nabi n’izindi zikaze ntibavuzwe, bagaca babata, bagapfa urw’agashinyaguro. Abagira amahigwe ntibarware baca barondera ababiyemeza kubarera (enfants adoptifs) canke bakagurishwa ku batunzi bataronse abana.

Nk’uko ikinyamakuru 7sur7 kivyandika, basanze ikinogo cahambwemwo abana bagera 800. Ikinyamakuru The Daily Mail co mu bwongereza kivuga ko abagore basize abana muri ico kigo bafise imigambi yo kuzokwitwara kugira habe amatohoza, maze babaze abana basigaranye abo babikira iyo babashize.

Ikinyamakuru "The Independent" naco kivuga ko umuryango wa Ekleziya Katorika wo muri Irland ushobora kuzokwubaka icibutso c’abana 800 bahambwe mu kigo c’ababikira c’i Tuam.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.