Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hatunganijwe inama yerekeza guteza imbere abarwizatunga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Hatunganijwe inama yerekeza guteza imbere abarwizatunga

Hatunganijwe inama yerekeza guteza imbere abarwizatunga

mardi 19 Munyonyo 2013

Inama ihuza abanyamitahe bakomakomeye bo mu gihugu ca Hollande hamwe n’abagwizatunga bo mu Burundi yatanguye i Bujumbura. Ivyo bikorwa vyatunganijwe n’ishirahamwe NABC (Netherlands African Business Council), riri kumwe na CFCIB (Chambre Fédérale de Commerce et d’Industrie).

Muri ivyo bikorwa vy’iyo nama bihuza abanyamitahe bo mu BURUNDI bikaba vyitabwe n’abantu 9 baje baserukira amashirahamwe akomeye yo muri ico gihugu c’Ubuhollande. Intumbero y’urwo rugendo akaba yari kwirabira uburyo buhari two gushira imitahe mu Burundi hamwe no kurabira hamwe ukuntu bohanahana ibidandazwa mu bisata bimwe bimwe. Mw’ijambo uwuserukira CFCIB (Chambre Fédérale de Commerce et de l’Industrie) Econie Nijimbere yashikirije muri iyo nama bise Réunion de matchmaking NABC-CFCIB yarashimye cane akamenyesha ko iyo nama ari ikigaragaza ko ivyo bihugu bibiri vyipfuza cane guteza imbere igisata c’abigenga mu Burundi. Econie Nijimbere akaba yateye akamo abanyamitahe bo mu Burundi gufata ako karyo k’imbonekarimwe, bashobore gukorana n’abo barwizatunga baje bava mu buhollande gutyo biteze imbere ndetse igihugu cose gitera imbere.

Mu gatondo ko ku wa mbere abo barwizatunga bakaba baganiriye n’abo mu kigo API (Agence Burundaise pour la Promotion des Investissements), ikigo cishinze kworohereza abanyamitahe mu Burundi, aho babereka uburyo buhari bwo kuzana imitahe yabo mu Burundi, hamwe n’ingorane zibonekeza mu kurungikirana ibidandazwa. Ku muhingamo wo ku munsi w’ejo, ari naho huguruwe ivyo bikorwa abo barwizatunga b’abanyahorande bakaba babonanye n’abanyamitahe 26 b’abarundi. Aho rero bakora ico bise mu rurimi rw’icongereza B to B ni ukuvuga Business to Business. Umugwizatunga w’umurundi yabonana n’umurwizatunga w’umunyahollande gutyo bakaganira.

Mwomenya ko kuri uno musi wa kabiri baza kugendera amashirahamwe atandukanye bamaze gutora ko bogendera hamwe no mu bushikiranganji butandukanye, aha twovuga ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ubundi.
Iyo nama izomara imisi itatu ni ukuvuga kuva kuwa 17 Munyonyo gushika kuwa 20 Munyonyo 2013.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.