IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hilaire Ndayizamba yarandikiye umukuru w’igihugu

Hilaire Ndayizamba yarandikiye umukuru w’igihugu

dimanche 9 Ruheshi 2013

Inyuma y’imyaka hafi ine amaze ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Hilaire Ndayizamba yarandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, asaba gutezurirwa kuko amagara yiwe amukitse.

Hilaire Ndayizamba yafashwe yagirizwa igandagurwa rya Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe rirwanya inyuruzwa ry’amatunga ya Leta OLUCOM, aca ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Abamuburanira rero bamye basaba ko uwo baburanira yokwidegemvya.

Nk’uko Rufyikiri Isidore aburanira Ndayizamba abivuga, ngo ingingo zo kugumiza uwo aburanira mu Mpimba ntizakurikije amategeko nk’uko yabibwiye bagenzi bacu igihe yaremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru hari mu mwaka w’2011.

Ubu rero ko, uwo aburanira aramaze kwitakambira ko amagara yiwe atameze neza, agasaba umukuru w’igihugu ko yomufasha kugire aze araja kwivuza avuye muhira iwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.