Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hillary Cliton yatewe ikirato mu maso Imana irakinga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Hillary Cliton yatewe ikirato mu maso Imana irakinga

Hillary Cliton yatewe ikirato mu maso Imana irakinga

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Hillary Clinton yahoze ari umunyamabanga mukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika yaraye atewe ikirato mu kiganiro yariko agirisha i Las Vegas mu ntara ya Nevada . Bivugwako ico kirato yagitewe n’umugore atashaka ico kiganiro.

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Hillary Clinton yari yagiye mu ntara ya Nevada mu gisagara ca Las Vegas kugirisha ikiganiro ku bijanye n’ishirahamwe rihingura umucafu (Institut des Industies de Recyclage). Mu gihe yaratanguje ikiganiro, amakuru dukura ku murongo ntangazamakuru w’insamirizi y’abafaransa France 24, amenyesha ko Hillary Cliton yagiye abona ikirato kigira kimurwe mu maso. Aca arikinga kirarengana.

Ayo makuru abandanya avuga ko Cliton n’ibimaramare yaciye avuga ati : Ikindyoheye n’uko uwagiteye atazi ko ndi umukinyi w’urukino rwa softball". Ivyo yabivuga mu gihe abaraho bariko baramuzomera. Aca yongera yica urwehe ati : Erega sinarinzi ko ikibazo co guhingura imicafu kirimwo ingorane aha iwanyu!"

Ayo makuru avuga ko umugore yateye ico kirato Hillary Cliton atari muri iryo shirahamwe, ko yinjiye ku nguvu.
Ivyo vyibukije ikirato catewe George w. Bush igihe yari i Bagdad muri Irak, aho umunyamakuru ata mwihangiye mukumutera ikirato. Hari mu mwaka w’2008.

Mwirabire uko vyagenze


Chérif Nkeshimana

Messages

  • biratangaje kumva abantu twarataye indero gushika kurugo rugero.ntivyumvikana ukuntu umuntu yubahuka agakora ibintu nkivyo k’umuntu tuzi afise icubahiro nkico.jw ndashima ukuntu yavyifashemwo birerekana ko acyuibwenge bokabaye babategetsi bo muri africa ntivyari koroha.ni vyiza k’umuntu y’ihanganira ibimubabaza vyose

  • Ayo niyo umuhaba wa sintuhije SAMANTHA Power yarakwiye kubona mu Burundi kukw’abobagesera ntibagayana ngo basigaze na ntaryo bipfuza kw’ibihugu vya Afrika vyama mw’indyane ngobaze gufasha co kimwe na KANYANGA Onyanga booooose barakeney’inkebuzo kuko batigara baja harya ku Ntatemwa za Barya banyacubahiro ngo baharuuuure barabe problème twatejwe n’Abahima bafadikanije n’imihimbir’imw’imwe y’Abahutu n’Abatutsi biyita sans!!!!!!!!nka Adrien RUGAMBARARA avug’ay’ashtse yibereye muri Hollandais mugabo bitebe bitebuke kira muntu wese mumoko yose azoronk’impera ikwiranye n’ivyo yakoze kuko UMUNANA W’ISEMA UTEMBAGARÄUDUGA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.