Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hiroshi Naka, yagenywe kuba icegera c’umukuru w’ibanki nkuru y’isi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Hiroshi Naka, yagenywe kuba icegera c’umukuru w’ibanki nkuru y’isi (...)

Hiroshi Naka, yagenywe kuba icegera c’umukuru w’ibanki nkuru y’isi yose

dimanche 25 Rusama 2014

Hiroshi Naka niwe yaraye agenywe kuba icegera gishasha c’umukuru w’ibanki nkuru y’isi yose, akaba n’umushikirizwa mukuru w’amajambo mw’ibanki.

Umukuru w’ibanki nkuru y’isi yose Jim Yong Kim, kuri uyu wa gatanu wa 23 Rusama 2014, niho yagena Hiroshi Naka, kuba icegera gishasha c’ibanki nkuru y’isi yose akaba n’umushikirizwa mukuru w’amajambo mw’ibanki. Hiroshi Naka, afise amamuko yo gihugu c’Ubuyapani, akaba yaramaze imyaka 25 akora mu gisata c’ubutunzi mu gihugu c’Ubuyapani, akagira n’ubumenyi bwo gukorana n’amashirahamwe, mu migenderanire n’ayandi makungu. Muri ico gisata, akaba ariho yanonosoreye ibibazo bijanye n’ubutunzi, vyo kurwanya inyonora ry’ubutunzi bw’igihugu hamwe no gukurikiranira hafi ukungene ibisata vy’ubutunzi n’amabanki bikora.

Umukuru w’ibanki nkuru y’isi yose Jim Yong akaba yamenyesheje kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Rusama 2014, ko ubumenyi (Expertise) Hiroshi Naka afise bwo gutunganya no gukurikirana neza ibikorwa vy’amabanki hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorana nayo, buzofasha cane kurushirizaho guteza imbere ibanki nkuru y’isi yose.

Mwomenya ko Naka Hiroshi yagenywe kuba mu mabanga y’ubuyobozi butunganya ibikorwa vyose bijanye n’ubutunzi bw’ibanki, yongere abe n’uwukurikiranira hafi ibikorwa vy’intwaro mw’ibanki nkuru y’isi yose. Amabanga yiwe akaba agiye kuzotangura neza mu kwezi kwa Mukakaro 2014.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.