Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hoba habonetse urucanco rukinga SIDA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hoba habonetse urucanco rukinga SIDA

Hoba habonetse urucanco rukinga SIDA

mercredi 30 Nzero 2013

Mu gisagara ca Maseille mu buFaransa : Urucanco ry’umugera ruhonyanganda SIDA ruzoronswa abantu bagera kuri 48 bagendana umugera wa SIDA mu kigo ICC( Investigarion Clinique de la Conception) nkuko vyamenyeshejwe kuri uyu wa kabiri.

Ikigo c’amagara y’abantu gikingira imiti(ANSM) caratanze uruhusha kw’igenekerezo rya 24 nzero muri uyu mwaka kugira batangure ico gikorwa cari catanguye igenekerezo rya 9 Munyonyo umwaka w’2012 n’ikigo co gukingira abantu(CPP).

Ikintu ca mbere urwo rucanco ruzofasha ni uko ruzoca rusubirira umuti witwa tritherapie wahora ufasha kuvura SIDA ku bantu imiriyoni 33 z’abantu baba kw’isi yose bagwaye umugera wa SIDA .

Gukingira SIDA nico kintu babona ko cofasha kurwanya umugera wa SIDA nk’uko umukuru w’ahakorerwa ubushakashatsi mu gisagara ca Marseille yabimenyesheje.
Icegerenyo c’ivyavuye muri urwo rucanco, kizomenyeshwa muri Ruheshi umwaka w’ 2015.
Urwo rucanco bari batanguye kurupimira ku bikoko nk’inguge(macaque) .


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.