Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hong Kong: Amenyo y’inzovu yafashwe avuye mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hong Kong: Amenyo y’inzovu yafashwe avuye mu Burundi

Hong Kong: Amenyo y’inzovu yafashwe avuye mu Burundi

vendredi 3 Rusama 2013

Igipolisi co ku kibuga c’indege i Hong Kong carafashe amenyo y’inzovu yari aje ava mu gihugu c’Uburundi.

Ayo menyo y’inzovu yafashwe akaba yapima ibiro 300, akaba afise agaciro kangana n’ibihumbi 400 y’ ama dolari y’Amerika.

Mu gihe bariko bakoresha uburyo budasanzwe mw’ isakwa ry’ivyari aho ku kibuga c’indege, niho baca babona ivyo bidandazwa, baca basanga koko ni amenyo y’inzovu aje ava i Burundi, niko guca bahamagara abamenyeshamakuru kugira babibereke.

Igipolisi nticavuze uwari ashoye ayo menyo y’inzovu, ariko icashoboye kumenyekana co n’uko ivyo bidandazwa vyariko bija muri Singapour. Mu kwezi kwa Gitugutu guheze, hakaba harafashwe ama toni 4 afise agaciro k’imiriyoni 3,4 z’ama dolari mu gihe nayo nyene yari anyegeje avuye muri Tanzaniya na Kenya.

Naho aho i Hong Kong igihano c’uwufashwe ariko ashora bidaciye mu mategeko ibihimba vy’inzovu canke ubutare atangishwa ihadabu ringana n’imiriyoni 5 z’ama dolari y’amerika, ababishora bo ntibahaha kuko ico gisagara cabaye ikirimbiro ry’urudandanzwa rudaciye mu mategeko nk’urwo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.