Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyaha Hosni Moubarak yagirizwa vyagabanutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ivyaha Hosni Moubarak yagirizwa vyagabanutse

Ivyaha Hosni Moubarak yagirizwa vyagabanutse

mardi 13 Nzero 2015

Urubanza rwa Hosni Moubarak ruzosubirwamwo kuko sentare yasanze hari amategeko atakurikijwe neza muri urwo rubanza. Moubarak yagirizwamwo ivyaha vyo kunyegeza ubutunzi bw’igihugu, kumwe n’abahungu biwe babiri.

Sentare yasanze hari amategeko atakurikijwe neza muri urwo rubanza Moubarak yarerwamwo ivyaha vyo kurya ibiturire kumwe n’abahungu biwe babiri. Umushingwamanza wa Hosni Moubarak, avuga ko yizeye ko ashobora kurekurwa vuba, akava aho apfungiwe mu mu gisagara c’i Cairo.

Mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze w’2014, Moubarak yari yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu, arerwa kunyuruza imiriyoni 18 yari gukoresha mu gusanura inyubakwa ziwe.

Mu kwezi kwa Munyonyo Sentare yari yahevye icaha, bamwagiriza co kwica abari mu myiyerekano, urubanza bari bamukatiye gufungwa ubuzima bwiwe bwose, ariko Hosni Mubarak akaba yaciye agumizwa mw’ibohero bitumwe n’ico caha yagirizwa co kurya ruswa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.