Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Huguruwe konte yo gushigikira umurwi nserukiragihugu witegurira CHAN (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Huguruwe konte yo gushigikira umurwi nserukiragihugu witegurira CHAN (...)

Huguruwe konte yo gushigikira umurwi nserukiragihugu witegurira CHAN 2014

mardi 3 Nyakanga 2013

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku uyu wa kabiri, bamenyesha aho imyiteguro ya y’ihiganwa CHAN 2014 y’umurwi nserukiragihugu igeze hamwe n’ibijanye no kuriha kubashaka kuja kurorera amahiganwa y’igikombe c’isi yose azobera muri Bresil mu mwaka w’2014.

Lydia Nsekera, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yatanguye yibutsa ko uno munsi ukwezi kurangiye umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru mu Burundi uronse intsinzi ikomeye mu gihugu ca Soudan. Ivyo vyabahaye uruhusha rwo kubandanya amahiganwa ya CHAN 2014 azobera mu gihugu ca Afrika y’epfo. Nkuko yabandanije abivuga, ni irya mbere Uburundi bushitse muri ayo mahiganwa, ari naco catumye aremesha ico kiganiro kugira amenyeshe aho imyiteguro igeze, yongere asabe ababishoboye gufasha umurwi w’Uburundi.

JPEG - 68.9 ko
Lydia Nsekera, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi

Kuri ivyo rero, haruguruwe ikonti muri Inter bank Burundi, bakaba bamaze kuvugana n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama kugira uwo wese yoba yipfuza guterera aterere agacumu k’ubumwe kubera babonye ko hari n’ibindi bisabwa babona ko ubushikiranganji butoshobora kwuzuza vyose. Inomero yiyo konte ni :701-03303-82-23. Iyo konte izoza irasuzumwa inyuma y’ukwezi kugira batangaze ku mugaragaro ayazoba amaze gutangwa, hama bagire n’urutonde rw’abazoba batanze ariko batamenyekanishije ayo umwe wese azoba yatanze.

Kw’igenekerezo rya 26 Kigarama hazoca hatangazwa ku mugaragaro igitigiri c’amafaranga azoba yatanzwe uko kingana hama basanze adakwiye, bazoheza barabe ukundi bobigenza, hagize ayarengako aheze afashe mu bindi. Ayo mafaranga rero yagenewe kuzohabwa abakinyi bimwe bita Prime des Matchs kuko amafaranga ya Local atangwa n’ubushikiranganji.
Iyindi ntererano yasabwe ni iy’amazi, imiti n’ibindi vya nkenerwa.

Harateguwe kandi inama yo kw’igenekerezo rya 22 na 23 Myandagaro kugira bige ikibazo c’ibindi bikoresho bizoba bikenewe ariko akamenyesha ko bimwe bimwe murivyo vyavuye mu nzira, aha akamenyesha nk’intererano yatanzwe n’igihugu c’Ubuyapani aho caronkeje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi imyambaro y’ibirato vyo gukinana.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.