IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > I Bujumbura ntacerekana ko iminsi mikuru iheza umwaka yageze

I Bujumbura ntacerekana ko iminsi mikuru iheza umwaka yageze

samedi 22 Kigarama 2012

Kiretse ko ibiciro vy’ibisumwa vya nkenerwa vyaduze,ngo naho bigurishwa make ntibironka ababigura. Aha abadandaza batanga akarorero k’impuzu kenshi zikororwa ibiciro ariko rero ngo ubukene buri mu barundi butuma n’ababaza birenganira batagura.Bamwe mu badandaza twavuganye bemeza ko bakora bahomba kuko ngo bashobora kumara iminsi ibiri badacuruje.

Kera mu minsi nk’iyi irangiza umwaka wasanga mu masoko,mw’ibarabara ari uruja n’uruza rw’abantu benshi. Abagura n’abagurisha ibidandazwa bacanacanako. Ibisharizo vya Noel, amashurwe impuzu n’ibindi ntiwaronka aho ubibisira ariko ubu siko bimeze.mw’isoko nkuru ya Bujumbura nta bantu banyuragiranwa ubona, ibisharizo vya Noel ntabiriho mu mabarabara eka mbere hari abivugira ko iminsi mikuru iheza umwaka yoba yarasivye. Ariko vyose ngo biterwa n’ubukene.

Ivyo rero babivuga bafatiye kukuzimba kw’ibisumwa vya nkenerwa aho ibiharage vya Jaune vyahora bigurwa 1800FBU ku kili kimwe ubu bigurwa 2200FBU, ivyitwa vya kirundo vyadugijwe ko amafaranga 300 ;umuceri wowo ngo ntuboneka iyubonetse uwuwufise niwe yishingira igiciro. Bamwe mu bakozi ba Reta bemeza ko bigoye gutunga imiryango mugihe ibintu biduzwa ibiciro ku munsi ku munsi ariko agashahara ntigakwirikire.

Abaguzi bo bagiriza abadandaza ko badugije ibiciro kuko bazi ko itegeko ry’umukuru w’igihugu rikura amakori n’amatagisi ku bisumwa bimwe bimwe rizorangirana n’ukwezi kwa Kigarama 2012. Ariko abadandaza bavuga ko ibiciro biduga kuko bitaboneka, uwubiranguye nawe akabirangura menshi narirya no kuvyunguruza atari icoroshe kuko igiciro c’ukwiyunguruza kitamara kabiri kitadugijwe bivanye n’iduzwa ry’igitoro. Naho biri uko barahumuriza abaguzi ko bizeye ko ibiciro bigiye kugabanuka mugihe ibiterwa biriko birera mu ndimo bizokwimburwa .Ikindi abasuma bavuga basaba abajejwe ivy’ibiciro kubigenzura ngo kuko igihe himirije iminsi mikuru ya Noël n’ukurangiza umwaka ngo abadandaza bikika mu kiza mukuduza ibiciro.

Bose abaguzi n’abadandaza ntibabona ingene bagiye kubaho mugihe ingingo yo gusubiza amakori n’amatagisi ku bisumwa bimwe bimwe vyari vyakuweko amatagisi n’umukuru w’igihugu yoba ntabanduka ,bagasaba ahubwo ko n’ibindi bisumwa babikurako amakori ku neza y’abanyagihugu .


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.