Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibanki y’isi yose yaterereye iyubakwa ry’urugomero rw’umuyagankuba rya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ibanki y’isi yose yaterereye iyubakwa ry’urugomero rw’umuyagankuba rya (...)

Ibanki y’isi yose yaterereye iyubakwa ry’urugomero rw’umuyagankuba rya Rusumo

vendredi 16 Myandagaro 2013

72,5% vy’igiciro c’inyubakwa zose z’urugomero rw’umuyagankuba rwa Rusumo nivyo bice ibanki y’isi yose yatanze. Irwo rugomero rukazoba rusangiwe n’Uburundi , Urwanda hamwe na Tanzaniya. Ruzoha umuyagankuba abantu imiriyoni 62 bo muri ivyo bihugu 3.

JPEG - 34.6 ko
Icapa ndondozi(logo) c’Ibanki y’isi yose

Amafaranga y’amanyamerika agera ku miriyoni 340 niyo ibanki y’isi yose yatanze mu mugambi wo kwubaka urugomero rw’umuyagankuba rwa Rusumo. Ni ukuvuga ibice 72,5% vy’amafaranga urwo rugomero ruzatwara. Urwo rugomero rwa Rusumo ruzotwara amahare y’amanyamerika 468,6. Ruzotanga umuyagankuba ufise inguvu zigera kuri megawate 80. Urwo rugomero rukaba ari umugambi uzokorerwa hamwe n’igihugu bitatu, ari vyo: Uburundi, Urwanda na Tanzaniya. Bitegekanijwe ko urwo rugomero ruzoronsa umuyagankuba abantu bagera ku miriyoni 62 bo mu Burundi, Urwanda na Tanzaniya. Iyo ntererano y’ibanki y’isi yose akaba ari iyambere mu mugambi mushasha iyo banki yatanguje yo gufasha akarere k’ibiyaga binini.

JPEG - 24.5 ko
Agasumo ka Rusumo ahazokubakwa urugomero rw’umuyagankuba

Uwu mugambi uzoba ngirakamaro cane kuko uzotuma igiciro c’umuyagankuba kigabanuka ku miryango, ku mahinguriro, ku bitaro vyo mu Burundi, mu Rwanda no muri Tanzaniya”, ivyo bikaba vyavuzwe na Colin Bruce, umuyobozi ajejwe itunganywa ry’imigambi n’irangurwa ryayo hamwe n’iyinjira ry’ibihugu mu karere. Kukaba nkako iyubakwa ry’urwo rugomero rwa Rusumo ruzotanga akazi ku bantu batari bake bo muri ivyo bihugu 3. Kandi rutanguye gukora ruzofasha mu kwongereza umuyagankuba muri ivyo bihugu 3 hamwe n’iterambere ry’umuyagankuba “nyawisubiriza”.

Uwo mugambi wo kwubaka urwo rugomero ku gasumo ka Rusumo ukaba uzofasha mu gukomeza imigenderanire mu karere k’ibiyaga binini, mu karere k’ubuseruko no mu bihugu bigize ishirahamwe ry’isoko ry’uruzi Nil.

Agasumo ka Rusumo kazokwubakwako urwo rugomero kakaba kari ku rubibe rw’Urwanda na Tanzaniya. Mu Burundi abantu bafise umuyagankuba bakaba baharurwa mu bice vya 4%, mu Rwanda 13% hamwe na 15% mu gihugu ca Tanzaniya.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.