Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibarabara Bujumbura-Uvira rigiye gusanurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ibarabara Bujumbura-Uvira rigiye gusanurwa

Ibarabara Bujumbura-Uvira rigiye gusanurwa

lundi 7 Gitugutu 2013

Ibarabara ryitiriwe Ubuvira, ubu ririko rirasubirwamwo, mu gihe ibikorwa vyo gusanura iryo barabara n’ibindi n’amafaranga angana n’imiriyaridi zingana kuri 16 z’amafaranga y’amarundi, abanyagihugu nabo bazoronswa umuzibukiro bakaba bararonse ayangana n’imiriyoni amajana atatu. Iyo mfashanyo rero yo kwubaka iryo barabara ikaba yatanzwe n’Ubumwe bwa Buraya, bubicishije muri CEPGL ( Communauté Economique des Pays de Grands Lacs).

Iyo mfashanyo igabuye mu mice itatu. Umuce wa mbere ufiswe n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, iyo nayo ikazosanura ibarabara riva ku rubibe rw’Uburundi i Kavimvira gushika ku cambu ca Kalundu. Igice ca kabiri kiri mu gihugu c’Uburundi, ico naco kikazosanura ibarabara ryitiriwe Uvira riciye kuri Chanic gushika ku rubibe rw’ Uburundi na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo gushika mu Gatumba, mu gihe igice ca gatatu kiri mu gihugu c’Urwanda. Uwo mugambi rero ukaba uje mu ntumbero yo gukomeza igisata c’Ubudandaji muri ivyo bihugu bigize CEPGL, arivyo Uburundi, Urwanda na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Petero Bayihishako umuyobozi mukuru w’amabarabara, avuga ko imiriyaridi 16 arizo zikenewe kugira iryo barabara RN4 risanurwe. Iryo barabara rica kuri chanic gushika ku rubibe igihugu c’Uburundi gihana na Kongo, ku birometero 19. Abanyagihugu rero bari basanzwe badandariza kuri iryo barabara ubu sanga bari bafise udu kiyoske, abafise imirima y’ivyamwa, ububiko bw’inzoga, amazu, bisanzwe biri i bubamfu bw’iryo barabara, kuva mu ntango z’ukwezi kwa Nyakanga, bakaba bariko barahabwa umuzibukiro, abari kuri iryo barabara gushika muri komine ya Mutimbuzi, zone Gatumba. Ivyo bikorwa rero, bikaba bitegerezwa kumara amezi 18 ku gice kiraba Uburundi.

Abanyagihugu rero barabwa n’ukwo guhabwa umuzibukiro bakaba ahanini ari abo muri komine ya Mutimbuzi, bo basenyuriwe amazu babamwo, ayo badandarizamwo, n’ububiko bw’inzoga mu gihe c’ibikorwa vyo kwagura iryo barabara, harimwo n’ukurisanura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.