Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibibanza bitotahaye i Bujumbura ni “inkehwa” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibibanza bitotahaye i Bujumbura ni “inkehwa”

Ibibanza bitotahaye i Bujumbura ni “inkehwa”

jeudi 29 Myandagaro 2013

Ibibanza bitotahaye(espace vert) mu gisagara ca Bujumbura bisigaye ari inkehwa. Ivyo bibanza vyabwirizwa kuba biri muri kira karitiye yose bisigaye ari 2 gusa ku murwa mukuru w’Uburundi.

JPEG - 51.5 ko
Ikibanza gitotahaye co kuri Jardin Public

Mu gisagara ca Bujumbura, ibibanza bitotahaye(espace vert) ni bike cane. Ivyo bibanza bisigaye ari 2 mu gisagara ca Bujumbura. Navyo ni ikibanza c’ahitwa « Jardin Public » kiri muri karitiye ya Rohero 1, ikindi naco citwa « Place de la Révolution» kiri muri Rohero 2. Ivyo rero akaba ari bike cane ugereranije n’uko igisagara ca Bujumbura kingana.

Nshimirimana Emmanuel, umuyobozi mpuzabikorwa mw’ishirahamwe ryitaho ibidukikije « Biraturaba » avugako « ubundi muri karitiye yose y’umuji wa Bujumbura hategerezwa kuba hariho be n’ivyo bibanza bitotahaye. Kandi ivyo bikaba ariko binategekanijwe n’ibicapo vy’abisagara vyo mugisata kijejwe itunganywa ry’ibisagara. Emmanuel ati : « Ibibanza bitotahaye ni inkehwa. Birageramiwe n’abavyubakamwo. N’ikimenya menya hari inyubakwa nyinshi zubatswe ahari hategekanijwe kuja ivyo bibanza ». Akarorero yatanze yagize ati : « N’ahari hasigaye, kuri Jardin Public, hahatswe kubakwa iyo abantu badasemerera ».

JPEG - 46.8 ko
Nshimirimana Emmanuel, umuyobozi mpuzabikorwa mw’ishirahamwe ryitaho ibidukikije « Biraturaba »

Ibibanza bitotahaye (espace vert) ni ibibanza bwirijwe kubaho mu bisagara. Ivyo bibanza bigategerezwa kuba bigizwe n’ibinyabuzima nk’ivyatsi n’ibiti, kandi bikaba vyugururiwe ku bantu bose ata numwe yimiriwe, kanatsinda n’ibibanza vyegukira Leta.

Ibibanza bitotahaye (espace vert) birafise akamaro cane nkuko tubibwirwa na Nshimirimana Emmanuel, umuyobozi mpuzabikorwa w’ishirahamwe ryitaho ibidukikije « Biraturaba ». Ibibanza bitotahaye bifise akamaro kuko ni ibibanza vyo kuruhukiramwo, vyo kwidagaduriramwo, birafasha mugushariza, bigafasha mugukura ivyuka bibi mu kirere na cane cane mu gisagara aho ingendeshwa zirekura ivyotsi vyinshi birimwo ubumara bita dioxyde de Carbone. Vyongeye ivyo bibanza biranafasha mukuzana akayaga.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.