Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibibanza ndangakaranga vyerekana ubwiza bw’u Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibibanza ndangakaranga vyerekana ubwiza bw’u Burundi

Ibibanza ndangakaranga vyerekana ubwiza bw’u Burundi

lundi 14 Nzero 2013

Bururi n’imwe muntara 17 zubaste igihugu c’u Burundi,iyo ntara ikaba ifise ibintu bitari bike vyo kuratira ijisho nk’uko ishirahamwe rishasha rijejwe ivy’ingenzi(Agence de voyage et de tourisme)Ingomas safaris ryashoboye kuvyerekana mugihe bariko bugurura icese ibikorwa vyaryo.

Nk’uko atawubiyobewe igihugu c’u Burundi kirafise ibibanza vy’iratiro atari bike. Ariko rero kubatoba barahagera ahari intara ya Bururi usanga nko kubirometero 106 uva mugisagara ca Bujumbura, hari ibintu atari bike ingenzi zishobora kuratira ijisho nk’uko J Bertrand Nsabiyumva umuyobozi w’ishirahamwe ‘’Ingoma safaris’’ abimenyesha.

JPEG - 2.6 Mo

Ngo ni mu ntumbero yo guhayagiza no guteza imbere u Burundi bashinye gutanguza ibikorwa bene ivyo ngo kuko uravye usanga hari ibibanza vyinshi cane kandi vyiza bikeneye kuratwa ariko ugasanga ntawuvyitaho. Ikindi go n’ukugira rero abantu bashobore kuza baragendera aho hantu hatamdukanye gutyo bamenye kahise k’ u Burundi banamenye ibyiza bibugize.

JPEG - 2.6 Mo

Nk’akarorero ngo nko kubantu basanzwe bamenyereye gutemberera mubindi bibanza nko muri komine Rumonge,ku ruzi Ruvubu canke ahahoze haba abami i Kiganda mu ntara ya Muramvya. Barashobora kuja aho i Bururi kuko uhasanga ubwa mbere na mbere ikibanza kivamwo amazi yisuka mukiyaga Nil mu Burundi (source meridional du Nil) aho ni muri komine Rutovu intara ya Bururi ku birometero 114 uvuye i Bujumbura. Uhashiste uhasanga kandi inyubakwa bita Pyramide.

JPEG - 2.4 Mo

Nk’uko uwujejwe gucungera ico kibanza twahasanze ariwe Pierre Claver Sindayihebura yabitumenyesheje ngo ni mu mwaka w’1934 ico kibanza catowe na muganga Burkhart Waldekert. Mu mwaka w’1932 uwo muganga yari mugihuga ca Misiri igihe yabona ko uruzi Nil rufise ahandi rwisuka ruva, niko guca aharondera kugeza ashike i Gasumo,inyuma y’imyaka 4 n’ukuvuga mu mwaka w’1938 niho haciye hubakwa iyo nyubakwa bita Pyramide, iyo nayo mukayisanga mu Burundi no mu Misiri kw’isi yose.

JPEG - 2.4 Mo

Ibindi bibanza biri muri iyo ntara ya Bururi ni nk’aho bita ‘’Chutes de Karera’’ aho ni muntara ya Rutana ,ahahoze haba umwami wa mbere w’u Burundi,Ntare Rushatsi Cambarantama aho ni ahitwa Gashinyira, hari n’ahandi henshi nk’aho bita ‘’Faille des Allemands’’ canke ‘’Parc de kigwena’’.

JPEG - 2.7 Mo
JPEG - 2.7 Mo

Muri make nk’uko abayobozi ba Ingoma Safaris babitumenyesheje, u Burundi n’igihugu ciza co kuratira ijisho.

JPEG - 2.7 Mo
JPEG - 162.7 ko

Alexandrine Keza

Portfolio

Messages

  • Bravo Alexandrine pour cet article très riche en photos. Mais àla prochaine occasion il fallait identifier chaque photo parce qu’il y a des personnes qui ne se retrouvent pas. Une photo sans légende n’est pas appréciée/Merci quand même

  • Mwakoze cyane kutwereka aho hantu nyaburanga hatatse ibyiza by’uBurundi...Bravo

  • komera Bertrand ndabona niwakomeza nkuko uzoshitsa UBURUNDI kuntabwe ishimishije!!urundi rwaruka nkawe narwo nirubonereho.

  • Burundi oye oye tuzobasura turabe neza ivyo vyiza vya Buriri iwabo wa Banwa na Bagamba

  • dufise ubutunzi bwokwinjiza 45%yamafaranga yagaciro leta ikenera kumwaka,ariko kubera tutavyitaho,nobobikingiy akaba aribo bafata iyambere kubihonya.Twisubireko dukunde igihugu catwibarutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.