Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiciro bigiye kuduzwa n’abacisha ibidandazwa mw’ibarabara RN7 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ibiciro bigiye kuduzwa n’abacisha ibidandazwa mw’ibarabara RN7

Ibiciro bigiye kuduzwa n’abacisha ibidandazwa mw’ibarabara RN7

mardi 25 Ruhuhuma 2014

Mu gihe ibarabara rya Bujumbura Bugarama ryugawe ku biduga bininibinini, abarangura ibintu bakabizana muri iyo miduga, bamenyesha ko bagiye kuduza ibiciro, kuko nabonyene bahomba baravye urugendo basigaye bagira, kugira bashobore gushika mu gisagara ca Bujumbura.

Abo bazana ibidandazwa rero, bakemeza ko abanyagihugu aribo bagiye kugira ingorane kw’iduga ry’ibiciro, narirya nabo bahomba baravye ko ibirometero birenga 350 vyiyongereye ku rugendo bahora bagira. Abagendesha iyo miduga rero, bakavuga ko kugira bashikire komine ya Musaga, bashobora guhagarara hafi amasaha 20. Abo barangura ibidandaza babizanye muri iyo miduga minini, babandanya bavuga ko ibarabara RN7 ribagora gucamwo, kuko riri kure uravye iyo baba baje bava.

Iryo barabara rya RN7, rikaba ryasabwe gukoreshwa n’ivyo biduga binini inyuma yaho ibarabara RN1 ryononekariye bivanye n’imvura yaguye ku wa 9 Ruhuhuma mw’ijoro, igahitana abantu n’ibintu mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.