Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi - RDC : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - RDC : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye

Burundi - RDC : Ibiciro vy’ukwinjira vyamenyekanye

lundi 9 Munyonyo 2015, par egide

Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA barabandanya imyimenyerezo y’ukwitegurira urukino ruzohuza Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo rutegekanijwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 12 Munyonyo 2015.

Mu gihe abakinyi b’Uburundi bamaze kwegeranirizwa hamwe kugira babandanye imyiteguro (Local), abatumweko bose bava hanze baramaze gushika, aho twobabwira nka Fiston Abdul Razzak, MAKENZI, Kwizera PIERROT, Amissi CEDRIC, YAMINI SELEMANI, DIDIER Kavumbagu hamwe na NDAYISENGA FWADI.
Abitezwe ko bashika kuri uwu wa mbere ni Papy Faty, Nsabiyumva Frederick, hamwe na Tambwe Amissi. Gael Bigirimana asanzwe akinira umurwi wa Newcastle United F.C yari yemeye kuzokinira Uburundi, akaba akirindiriye uruhusha rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA), kuko yigeze gukinira umurwi w’Ubwongereza w’abadakwije imyaka 21.

Ibiciro vy’ukwinjira :

Ku nkengera z’ikibuga (Pourtour) : Amafaranga ibihumbi bitatu vy’amarundi (3000 Frs) Ubwugamo A - D : Amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi (10.000 Frs)
Ubwugamo B - C : Amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy’amarundi (20.000 Frs)
Ubwugamo bw’iteka : Hazokwinjira abafise ubutumire.

Urwo rukino ruzobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuri uwu wa kane, igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rihamagarira abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA kuza ari benshi gushigikira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.