Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiganiro muri Sudani y’Epfo birimwo ingorane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibiganiro muri Sudani y’Epfo birimwo ingorane

Ibiganiro muri Sudani y’Epfo birimwo ingorane

samedi 4 Nzero 2014

Icizere c’uko impande zirwana muri Sudani y’Epfo zari gutangura kuganira uno munsi muri Ethiopia cahavuye.

Naho mu ntango icizere cari cose, umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe imigenderanire, Tedros Adhanom, yavuze ko ibiganiro amaso mu yandi hagati y’abarwana muri Sudani y’Epfo bidatangura uno munsi, igenekerezo rya 4 Nzero umwaka wa 2014. Haracariko haraba imibonano ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa, vyo gutegura ibizoganirwa mu biganiro nyezina.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari i Juba, umurwa mukuru wa Sudani y’Epfo, avuga ko indwano ikibandanya. Avuga ko abasirikare bashigikiye umukuru w’igihugu Salva Kiir, bariko baritegurira gukora ibitero mu gasagara ka Bentui na Bor, ubu iri mu minwe y’abashigikiye uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, Riek Machar.

Mwomenya ko, ibihumbi vy’abantu babandanije guhunga iyo ndwano imaze guhitana abantu benshi cane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.