Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiharuro vy’amatora yo muri Madagascar birahaye biramenyekana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibiharuro vy’amatora yo muri Madagascar birahaye biramenyekana

Ibiharuro vy’amatora yo muri Madagascar birahaye biramenyekana

samedi 21 Kigarama 2013

Inyuma y’amatora yabaye mu gihugu ca Madagascar, abanyagihugu ubu barajwe ishinga n’ukumenya uzorongora igihugu agashobora kurwana n’ibibazo abanyagihugu bo muri Madagascar bafise harimwo ic’ubukene n’umutekano muke.

Muri aka gatondo rero ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Kigarama, umurwi wigenga ujejwe amatora aho muri Madagascar CENI ukaba watangaje ibiharuro vyo mu bice 188 ku bigera ibihumbi 20.001, aho Hery Rajaonarimampianina amaze gushikana ibice 50,04 kw’ijana, akaba yarushije Robinson Jean Louis uyo nawe akaba ari pfa mpfe wa Marc Ravalomanana.

Mu murwi w’amatora rero bamenyesha ko abantu bobarindira gato, kugira baharure bitonze, kandi bakabizeza ko amatora azoharurwa neza, uwutsinze akaba azoba ari uwo nyene. Hamwe mw’iharurwa ry’amajwi hatojamwo amanyanga, ayo matora yoba ahaye umwizero abanyagihugu n’amakungu, mu gihe mu yo mu mwaka w’2009 yaranzwe n’ubusuma bw’amajwi, ndetse bikaba vyatanwatanwako. Amatora yo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 20 Kigarama rero akaba yabaye mu mahoro n’umutekano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.