Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu 10 bifise ubwigenge mu vy’ubutunzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibihugu 10 bifise ubwigenge mu vy’ubutunzi

Ibihugu 10 bifise ubwigenge mu vy’ubutunzi

lundi 12 Myandagaro 2013

Ibiharuro vya nyuma biheruka gusohorwa n’ikinyamakuru wall sreet journal hamwe na heritage foundation, igihugu ca Maurice nico gifise ubwigenge bunini mu vy ’ butunzi.
Ibihugu 2 gusa bivuga ururimi rw’igifaransa bikaba ari vyo biri muri Ivyo bihugu 10 vya mbere.

Ibihugu vy ‘Afrika yo mu Bumanuko bwa Sahara ngo nta bwigenge bifise.

Ivyo nivyo bimenyeshwa n’ ibiharuro vya nyuma biheruka gusohorwa n ’ ikinyamakuru wall street buri mwaka. Uwo mugambi watangujwe mu mwaka w ‘ 1995, bakaba barabira ubwo bwigenge mu vy’ubutunzi mu bisata bine. Dufatiye ku biharuro vyose hamwe, igihugu kimwe kimwe cose muri vyo bihugu vyatondekeshejwe mu mwaka wa 2013 uko bigenda birasumbasumbana, igihugu gifise amanota 80 canke arenga caba gifise ubwigenge, ugenda umanuka gushika ku manota 50 ku manuka ku gihugu kitagira ubwigenge namba.

Urugero rw’ubwigenge mu vy’ubutunzi muri ako karere k’Afrika yo mu Bumanuko bwa Sahara buracameze nabi kurusha mu bindi bihugu bindi. Vyinshi mu bihugu vyo muri ako karere vyashizwe mu bihugu bifise ubwigenge buke. Bakaba basanze ko ku bihugu 15 Kuri 33 vyatondetswe bifise ubwigenge buke mu vy’ubutunzi biri mu gihugu ca Afrika yo mu Bumanuko bwa Sahara. Igihugu ca burkina Fasso nico citwa ko cigenga buhorobuhoro.

Igihugu ca Maurice kiracari mu bihugu 10 bifise ubwigenge mu vy’ubutunzi vyatondekeshejwe muri uno mwaka kikaba ari kimwe mu bihugu vy ‘Afrika y’Ubumanuko bwa Sahara. Ico cabaye ica mbere, amanota akaba yaramanutse kuva mu mwaka uheze. Igihugu ca Botswana carateye intambwe caradugije inota. Mu kibanza ca gatatu haje igihugu c’Urwanda aho casubiye inyuma ibice 8 kw’icumi vy ‘amanota .

Muri uno mwaka, igihugu ca Burkina Faso carasubiye inyuma ija mu muce w’abigenga buhoro buhoro .Ariko igihugu ca Sao Tome –et – Principe hamwe n’igihugu ca Ethiopiya navyo nyene vyarasubiye inyuma gose. Ariko rero ibihugu vyinshi vyarateye imbere .Muri vyo twovuga nk ‘igihugu ca Zimbabwe, benin na Seychelles hamwe na Gabon
Iciza murivyo akaba ari uko ama leta abayabaye nayo yarateye intambwe .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.