Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu 3 vya mbere muri Afrika vyinjiza ibirwanisho karuhariwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibihugu 3 vya mbere muri Afrika vyinjiza ibirwanisho karuhariwe

Ibihugu 3 vya mbere muri Afrika vyinjiza ibirwanisho karuhariwe

mardi 18 Ntwarante 2014

Inyuma yaho hakorewe amatohoza kubijanye n’ibirwanirwisho vyinjira muri Afrika, igihugu ca Algeriya kikaza mu kibanza ca mbere, ishirahamwe mpuzamakungu SIPRI (Stockholm Internatioanl Peace Research Institute) ryashize ahabona icegeranyo c’ibirwanisho vyinjira muri Afrika, igihugu ca Maroc akaba arico caje mu kibanza ca kabiri.

Muri ico cegeranyo, mu biharuro vyatororokanijwe n’ishirahamwe SIPRI, Algeriya cinjiza ibirwaginisho muri Afrika bigera ku bice 36 kw’ijana, hagakurikira igihugu ca Maroc cinjiza ibirwanisho bigera ku bice 22 kw’i 100, hakaza ubwa gatatu igihugu ca Soudani cinjiza ibirwanisho bigera ku bice 9 kw’ijana.

Ibihugu bibiri vya mbere arivyo Algeriya na Maroc, bikaba vyinjiza cane kurusha igihugu ca Soudani kiza ubwa gatatu naho cashizwe mu bihugu bitatu vya mbere muri Afrika vyinjiza ibirwanisho mu gihugu. Kubijanye naho, nahava ivyo ibirwanjisho, mwomenya ko igihugu Maroc kibikura mu gihugu c’Ubufaransa. Igihugu c’Ubufaransa kikaba gisohora (exportation) ibice cumi na kimwe c’ibirwanisho gifise. Igihugu ca Algeriya naco kikaba kibironswa n’igihugu c’Ubushinwa.

Ivyo birwanisho vyose, bikaba bigurwa amafaranga arenga imiriyaridi zirenga 330, ni ukuvuga ko igihugu ca Maroc gisohora imiriyaridi 107 y’ama dirhams kuva kiringo c’imyaka itatu hamwe n’imiriyaridi 226 asohorwa na Algeriya.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.