Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu 32 bizokwitaba igikombe c’isi c’umupira w’amaguru muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibihugu 32 bizokwitaba igikombe c’isi c’umupira w’amaguru muri (...)

Ibihugu 32 bizokwitaba igikombe c’isi c’umupira w’amaguru muri Brésil

samedi 23 Munyonyo 2013

Inyuma yuko Uruguay kironkeye uburenganzira bwo kuja mu gikombe c’isi yose c’amaguru,ibihugu 32 bizoja muri ico gikombe vyaramenyekanye. Ico gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kikazotangura kw’igenekerezo rya 12 Ruhenshi gushika kuwa 13 Mukakaro 2014.

Umugabane wa Buraya uzoserukirwa n’ibihugu vyinshi kuruta iyindi migabane. Ibihugu 13 nivyo bizosrukira umugabane wa Buraya. Ivyo navyo ni : Pays-Bas, Ubutariyano, Ububirigi, Suisse, Ubudagi, Espagne, Angleterre, Uburusiya, Bosnie, Ubugiriki, Croatie, Portugal hamwe n’Ubufaransa.

Amerika y’Epho arinayo izotunganya ico gikombe izoba iserukiwe na : Brésil kizoberamwo ico gikombe, Argentinem Colombie, Chili, Equateur na Uruguay.

Aziya nayo izoserukirwa n’ibihugu 4. Ivyo bihugu navyo akaba ari ibi bikurikira: Ubuyapani, Autralia, Irani na Koreya y’Ubumanuko. Imihingo ya Amerika y’Uburaruko, iyo hagati na Karayibe ikaba izorungika ibihugu vya Leta Zunzubumwe z’Amerika, Costa Rica, Honduras na Mexique.

Umugabane wa Afrika ukaba nawo uzoserukirwa n’ibihugu 5. Ibihugu bitatu vyo muri Afrika y’Uburengero : Nigeriya, Côte d’Ivoire, Caméroun Ghana ; hamwe n’igihugu ca Algérie.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.