Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyafrika ntibareze amaboko mw’iterambere ry’ibihugu vyabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abanyafrika ntibareze amaboko mw’iterambere ry’ibihugu vyabo

Abanyafrika ntibareze amaboko mw’iterambere ry’ibihugu vyabo

mardi 18 Ntwarante 2014

Ibihugu biri ku mugane wa Afrika ntivyicaye mw’iterambere ry’isi. Hariko hibonekeza bimwe mu bihugu vyo kuri uwo mugabane, vyishiriraho amashirahamwe akomakomeye. Iryo terambere rifata cane cane ibisata vy’ubutunzi, vy’ubuhinga bwa none, uburimvyi, amagara y’abantu, n’iterambere rirama. Ku bw’ivyo hari urutonde rw’ibihugu 10 vyashoboye kwikorera ibintu bitanganje ku buhinga bwa vyo.

Ku buryo buke ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika bifise, bimwe muri vyo ntibireka kwereka ibihugu vya rutura, ko bishoboye kwikorera ibintu kugira vyonyene bitorere inyishu ibibazo biba bifise.

Ng’uru urutonde rw’ivyo bihugu rwakozwe n’ikinyamakuru "Jeune Afrique":

1. Rwanda

Umunyarwanda yitwa Henry Nyakarundi yashizeho uruganda "Mobile kiosk Platform". Urwo ruganda rukoreshwa n’izuba rugafasha gutanga umuyagankuba kuri za ngendanwa. Bigenda gute?

ku murango, umuyagankuba uvuye kuzuba winjira muri "panneaux solaires" zibiri zijamwo umuyagankuba ungana"40w" uwo rero niwo uheza ugakoreshwa mu gutanga umuyagankuba, kuri za ngendanwa zigera kuri 16 ku mahera angana n’amadorari 10.

2. Sénégal

Uwitwa Aboubacar Sidy Sonko yahisemwo guteza imbere igisata c’uburimyi bwo muri ico gihugu. Yashizeho umurongo ntangamakuru aho umunyagihugu mwirimizi aronka aho atangariza ivyimburwa vyiwe, amenyesha igiciro, ndetse akanabwira abamushorera aho bamusanga. Kuri uwo murongo wa Sonko, umurimvyi arasoma ibintu bigezweho nk’amasoko canke ibiciro vyo mu yandi masoko. Abarimyi bagera ku 3000 ubu baguma k’umurongo bavugana n’aba bashorera.

3. Tunisie

Abahinga babiri Hassine Labaied na Anis Aouini bagiye hamwe bakora ubuhinga bwo kuronka umuyagankuba bakoresheje umuyaga. Uwo muyaga bawakirira mu kintu, ugishitsemwo kubera inguvu uca utuma ivyuma biri murico bizunguruka cane amatara agaca yaka.

4. Sénégal

Uwitwa Sanoussi Diakite yakoze imashini ishobora gutonora ibiro bitanu vy’igiterwa citwa "fonio" mu minota itarenga 8. ico giterwa mu gice ca Afrika kiri munsi y’ubugaragwa. Iyo machini ikoresha umuyagankuba mukeyi cane ungana na "1,5 kilowatts". Iyo rero irafasha kwongereza ubutunzi ku bice bingana 65 kw’ijana (65%).

5. Ghana

Bright Simons yatanguje mu mwaka w’i 200,7 umugambi witwa MPedigree. Uwo mugambi ufasha abakeneye kugura imiti. Uwushaka umuti kanaka, yandika ibiharuro biri ku muti bamwandikiye, agaca arungika mu butumwa bugufi "Sms"kuri MPedigree na bo bagaca babaza mu mazu akora imiti (industry pharmaceutiques). uwo mugambi usanzwe ukorana n’abajejwe amagara y’abantu, ugiye gutangura gukorera mu bihugu vya Kenya, Tanzaniya, Ouganda, na Niger.

6. Kenya

Umugambi Twende Twende ukoreshwa mu gihugu ca Kenya ukorana n’amashirahamwe yo gutumanatumana ko yitwa Safaricom na Airtel. Twende Twende ufasha kumenyesha abagendesha imiduga bo mu gisagara ca Nairobi kubamenyesha amabarabara atarimwo uruja n’uruza rurenze (embouteillage). Batanga ubutumwa kuri abo bagendesha imiduga babamenyesha ahari imiduga mikeyi kugira ntibatebe mu nzira.

7. Burkina Faso

Abanyeshure babiri biga muri kaminuza yo mu gihugu ca Burkina Faso mu gisata c’amazi n’ibidukikije, batoye isabuni yitwa "Faso Soap". Iryo sabuni ryirukana imibu kubera akamoto karyo, rikica inyo zija mu mazi. Iryo sabuni rikozwe n’ibiterwa vyo muri ico gihugu gusa. Rirafasha rero kurwanya indwara ya malariya igisibije k’umugabane wa Afrika.

8. Afrika y’Epfo

Muri ico gihugu, uwitwa Ashley Uys yatowe ubuhinga bwo gupima indwara ya malariya canke kumenya urugero rwayo mu maraso, butanga inyishu mu minota 20. Mu minota atangana 30, ubwo buhinga burerekana ko imiti umurwayi ariko arafata ifise ico iriko irahindura mu muntu. Ubwo buryo bwa "Pf/PAN (pLDH), ni bumwe mu bundi 9 bukoreshwa kw’isi yose, ariko ni ubwa mbere bukoreshwa k’umugabane wa Afrika.

9. Egypte

Uwitwa Khaled Shadi w’imyaka 22, ari kumwe n’abandi banyeshure bigana kuri Kaminuza ya Menoufia iri ku birometero 75 uja k’umurwa mukuru "caire"batoye akantu kitwa "Musber". Ako nako gafasha impunyi kumenya iyo zija. N’ubuhinga buhanitse cane bakoze mu kantu kameze nk’inkofero arimwo ico bita "Bluethooth".

10. Cameroun

Mu gihugu ca cameroun hari abavura indwara z’umutima bangana 30 kubantu baba muri ico gihugu bangana imiriyoni 30. Uwitwa Arthur Zang amaze kubona igitigiri c’abanyagihugu ari kinini yaciye akora akuma kitwa "Cardiopad". Ako kuma gashobora gupima umuntu ari kure, ari kugatumba abako. Ivyo vyatumye reta imuha interreano ingana 30.000 y’amadorari.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.