Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu biri muri Bresil bigeze kw’isimbo y’inuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibihugu biri muri Bresil bigeze kw’isimbo y’inuma

Ibihugu biri muri Bresil bigeze kw’isimbo y’inuma

lundi 30 Ruheshi 2014

Inkino z’umupira w’amaguru ziriko zibera mu gihugu ca Bresil zigeze kw’isimbo y’inuma, ibihugu biri mu mahiganwa biri hagati yo kubandanya amahiganwa canke gusezera. Imirwi yaserukiye Afrika mu gice ca kane uno munsi wa mbere irakina.

JPEG - 48.2 ko
Raphael Marquez aronse ikarata y’umuhohondo yatumye batsindwa na Hollande

Kuva kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi, igice c’umunani c’amahiganwa caratanguye, urukino rumwe rutuma igihugu kimenya ko kizobandanya canke gisezeye amahiganwa. Ibihugu nka Bresil, Colombiya, Pays-bas, na Costa Rica biramaze gushika mu gice ca kane c’amahiganwa. Gutsinda kwa bimwe muri ivyo bihugu ntikworoha kuko haraho vyasabwako abakinyi bongerwa umwanya wo kubatatura. Aha tuvuga urukino rwahuje igihugu ca Bresil na Chili, ibihugu bibiri vyatatuwe n’ibitsindo vya "Penalty", Bresil ica yinjiza 3 kuri 2, eka na Costa Rica n’Ubugiriki vyatatuwe na "penalty", Costa Rica yatsinze 5 kuri 3 z’Ubugiriki ku kibuga c’i Recife.

JPEG - 49.3 ko
klaas-Jan Huntelaar ahejeje gutisnda "penalty"

Mu gice c’umunani c’amahiganwa, Afrika ifisemwo ibihugu 3, vyose bikina ku mugoroba w’uno wa mbere. Nigeriya itana mu mitwe n’Ubufaransa, igihe c’isaha cumi na zibiri z’ijoro (18h00), Algeriya nayo ihura n’Ubugadi isaha zitandatu z’ijoro (22h00).


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.