Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu bitatu bihiganirwa kwakira amahiganwa ya OIF 2021 vyamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibihugu bitatu bihiganirwa kwakira amahiganwa ya OIF 2021 vyamenyekanye

Ibihugu bitatu bihiganirwa kwakira amahiganwa ya OIF 2021 vyamenyekanye

jeudi 24 Nyakanga 2015

Ibihugu bitati nivyo vyatanze vyashiaknye ibisabwa mu gusaba kwakira inkino zitunganijwe ku ncuro igira icenda zihuza ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa mu mwaka w’2021.

Ivyo bihugu ni igihugu c’Ubufaransa,na Reta zibiri zo muri Canada,arizo Canada Nouveau-Brunswick na Canada Quebec.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa ryari ryasavye ko ibihugu n’amareta vyotanga ibisabwa kw’igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2015,kandi ibihugu vyashikirije ibisabwa ishirahamwe ryemeza ko bikwije ivya ngombwa.

Inyuma y’iyo ntambwe,abahinga batanu bashinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bivuga igifaransa bazofata ingendo baje muri ivyo bihugu kuraba ko amakuru batanze ari ukuri,kandi ko bitunganije neza.Urwo rugendo ruzokorwa mu minsi 15 ya mbere y’ukwezi kwa Munyonyo 2015.

Abazoba baserukiye ibihugu vyasavye kwakira ayo mahiganwa bizobazwa mu nama izobera ku murwa mukuru wa Cote d’Ivoire i Abidja kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante 2016.

Mwomenya ko igihugu ca Cote d’Ivoire arico cakiriye inkino z’igira icenda zizobera mu mwaka w’2017.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.