Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu biterwa b’Uburusiya bigiye gukingirwa na NATO - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibihugu biterwa b’Uburusiya bigiye gukingirwa na NATO

Ibihugu biterwa b’Uburusiya bigiye gukingirwa na NATO

mardi 14 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Urunani rw’ibihugu rutura vyagiye hamwe mu kurwanya umwansi, NATO, vyapfunditse ko bagiye kurungika "Bataillons" zine z’abasirikare mu bihugu vya Pologne, Estoniya, Latviya hamwe na Lituwaniya.

Umunyamabanga mukuru w’izo nteko, Jens Stoltenberg, niwe yabimenyesheje ku musi wa mbere. Yavuze ko ivyo bihugu vyama biriko biterwa ubwoba n’igihugu c’Uburusiya.

JPEG - 136.5 ko
Jens Stoltenberg, umunyamabanga mukuru w’inteko za NATO

VOA ivuga ko kuri uwu wa kabiri i Buruseri mu Bubirigi, hatagekanijwe inama y’abashikiranganji bo kwivuna abansi b’urwo runani igamije kwemeza burundu uwo mugambi.

N’aho biri uko, ntaco Uburusiya burashikiriza kuri iyo ngingo y’urwo runani NATO, rwamye rutunga urutoke Uburusiya ko bwashize abasirikare babwo hafi y’imbibe z’ivyo bihugu buvuga ko buriko bucungera umutekano wabwo.

Imigenderanire hagati y’Uburusiya n’ibihugu rutura vyagize urunani NATO yatosekaye inyuma yaho Uburusiya bwigaruriye intara ya Crimea.

Ni inyuma kandi y’aho Uburusiya butanguye gushigikira imihari yiyonkoye kuri Ukraine hamwe n’uruhara Uburusiya buriko buragira mu ntambara ziri muri Siriya.


IGIHE

Messages

  • Aaaaahhh ndunva intambara yagatatu yamaz kumota nkumwampi wikibiriti peee arko Nato niyitonde kuko ntibanikir kuburusiya kuko incut zuburusia turibenshi atantambwe Nato izoduterana tutayihagaritse ikibagirana ikaba amateka kw’isi harambe puttin vradimir numugaba wikirenga w’ingabo commandant spreme petero nkurunziza murakoze

  • U Burusia bukomere pe urazi ukuntu Nato yononye Libya cari igihugu ciza camata nubuki. U Burusia bukomere kumuheto pe

  • U Burusia bukomere pe urazi ukuntu Nato yononye Libya cari igihugu ciza camata nubuki. U Burusia bukomere kumuheto pe

  • U Burusia bukomere pe urazi ukuntu Nato yononye Libya cari igihugu ciza camata nubuki. U Burusia bukomere kumuheto pe

  • U Burusia bukomere pe urazi ukuntu Nato yononye Libya cari igihugu ciza camata nubuki. U Burusia bukomere kumuheto pe

  • Uburusia nibabuvumbura bwama bushigikira intumva nka herode,n’ibuye riri mu mushinge bakureyo kumbur herode yohakura icigwa

  • Erega ivyanditswe bizosohora !!! Abazamateka barabona ahisigana .uyomutegetsi nigiti kiturigwa kivugwako vyishi murikazoza,nibamukoremujisho bwakabiri nkukobagize mugusambura reta zunzubumwe zaba Soviet kumbure yoboningene abereka kwarinico ashobora.abansibabo nibobakunzibiwe nihubahwe uburundi nuburusiya nababibamwo!! Nibamuhinzira akorivyazi anahindure ivyikakisha nivyishieahejuru igihecavyo cararangiye.

  • Bagamijekudusukamwo.Intambarayagatatuyisi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.