Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu vy’Afrika bifate iya mbere vyo nyene mu kwigwaniriza imirwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibihugu vy’Afrika bifate iya mbere vyo nyene mu kwigwaniriza imirwi (...)

Ibihugu vy’Afrika bifate iya mbere vyo nyene mu kwigwaniriza imirwi y’iterabwoba

jeudi 22 Rusama 2014

Mu nama iheruka kubera mu gisagara ca Ouagadougou hagati y’abarongoye amagendereza bo mu karere ka Sahara, barabiye hamwe ibijanye n’umurwi w’iterabwoba wa Boko haram nk’uko Petero Buyoya arongoye MISAHEL (Mission de l’Union africaine pour le Mali et le Sahel) abimenyesha.

Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi, inyuma y’iyo nama yabera i Ouagadougou, akaba yasiguye ko ibihugu vy’Afrika bikwiye gufata mu minwe ibijanye n’ukurwanya iterabwoba ribera ku butaka bw’ibihugu vyabo. Ibihugu 11 biri mu karere ka Sahara, bikaba biriko birakora ibishoboka kugira birwanye iterabwoba vyose biri kumwe. Petero Buyoya akavuga ko muri ako karere asanzwe ari umuserukizi mukuru w’ ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, bagerageza kubonana n’abarongoye igendereza muri ivyo bihugu inyuma y’amezi abiri, nayo abashikiranganji b’imigenderanire n’ibindi bihugu, bakabonana inyuma y’amezi atandatu. Buyoya aremeza ko bukebuke, ikibazo c’inkozi z’ikibi zitwaza iterabwoba cagiye kiraboneka ko ari ic’akarere, ata n’umwe akwiye kurera amaboko.

Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi, ubu akaba ari umuserukizi adasanzwe w'ishirahamwe ry'Ubumwe bw'Afrika mu karere ka SAHARA

Petero Buyoya umuserukizi mukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika muri ako karere ka Sahara, avuga kandi ko ukuvugana amaso ku yandi n’abarongoye amagendereza y’ibihugu bikiza vyinshi. Aratanga akarorero ko mu gihugu ca Mali, ibibazo vyari mu Buraruko bw’ico gihugu vyadindizwa n’uko imigenderanire y’amagendereza yo mu bihugu vya Mali, Mauritanie na Algerie itari yifashe neza. Ariko aho bayagiye, bakavugana ingorane bose, ako karere ubu karonse agahengwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Erega buyoya uraraba n’aba bitwaje iterabwoba b’i burundi.NURUNZIZA,n’abo bakorana udutabare

  • Ntashobora kwikora mu nda. Hari umugenzi afise asumba NKURUNZIZA Mazina wiwe ? Ahubwo azomwereka aho mwateze ama grenade igihe muzotsindwa mu matora. Niwaba wiyumvira kumbure niwaba uri umututsi ngo hari ico azogufasha ba uraturura. Ikibazo cabahutu nabatutsi carataye igihe naje mbere ngomba nirongorere agatutsikazi. Nawe Buyoya arabona iturufu irya aho iri. Scrach my back I will scrach yours.

  • Aaron ikibazo c’ubwoko mu Burundi kiracahari ntusubire kuduhenda, ivyo navyo uvuga vyo kurongora agatutsikazi nibaza ko bitajanye na plotique kuko nabazungukazi baratwarwa nabirabure, ariko BUYOYA ngira we ntumuzi, ubwo bugenzi afitaniye na NKURUNZIZA wabuboneye hehe? Nimba wibaza ko BUYOYA ashigikiye zirya MBONERAKURE uraba urabikura mumutwe
    - Kandi ndibaza ko ivy’UBURUNDI Buyoya abikwirikirana ata rwamo, rero ntuje aho ngo azoshigikira amafuti n’amanyanga ya CNDD FDD n’IMBONERAKURE.
    - Il est intelligent et prudent.

  • Wewe uvuga ngwamokontahoyagiye twese turabizi kandi turabishigikiye kwamoko yiberaho icotwanka nuko ubwokobumwe bwokwigungirako ivyigihgu nayogufuta ubwoko niryokosha ryobaribaye iryambere, kuryatuvugako kufuta idini canke ishirahamwe atampamvu vyokwitwako wobubatse uburenganzira bwabo, kuvuga ngo ntamuhutu, ntamututsi, ntamutwa, ntitwovyita gucinyiza ahubwo kobarakanga, mbeguziko ufuse ubwobwoko kohoba ariho vyokworoha imiryango imwimwe kwigarurirako ivyizavyigihugu bakagumabavugango kazima arabarundi!

  • mbega ibigugu vyabarundi mbega aho mwicaniye ntimwo ruhuka mukwubaka igihugu canyu cabibarutse.erega agateka karihabwa iyo muvuga umengo mwacometswe ivyo vyabahutu na batutsi ko mwabigeragej vyamaze iki ko bamwe ari mpfuvyi abandi arabapfakazi?umva ndabahanur nimwitegerez ibindi bihugu iteramber bifis ham mumeny ikibanz imber kuk muzohava mwibuk kwifuka bukeye.abicany basangiy ururimi ntanisoni hama ibijuju bikabandany ingendo mbi nimuvuge icoteza imber igihugu cacu mureke guteran amajambo apfuye mbega abavutse kubwo bubiri bo bitwa bande?mwokwiswe ubwoko mugihe mutavuga ururimi rum we nimico itandukanye na burere mwiharije OK mushak komeza iyongendo turab ago bizodushikan.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.