Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone birabangamiwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone birabangamiwe na (...)

Ibihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone birabangamiwe na ebola

mardi 24 Ruheshi 2014

Ibihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone birabangamiwe n’ikiza ca Ebola, aho imiryango igera kuri 60 ija ifise uwo mugera nk’uko bimenyeshwa na Médecins sans frontières (MSF).

Ico kiza kimaze guhitana abanyagihugu bagera kuri 330 mu bihugu vya Guinée, Liberia na Sierra Leone mu ntango z’uyu mwaka,nayo abahinga bagera kuri 300 bakaba bariko barakwiragira muri ivyo bihugu, kugira barabe ko ico kiza cotuzwa muri ivyo bihugu. Ariko rero, gutuza ico kiza bikaba bitoroshe nk’uko bimenyeshwa na muganga Bart Janssens umuhinga muri MSF, kuko muri ivyo bihugu uko ari bitatu, harimwo abanyagihugu bava mu bihugu baja kuba mu bindi, abo nabo bakaba bashobora kuba bari muri abo bakwiragiza ico kiza ca ebola.

Mwomenya ko ikiza ca ebola catanguye kwibonekeza mu ntango z’uyu mwaka muri Guinée. Gushika mu kwezi kwa Rusama, abanyagihugu batari bake bo mu bihugu vya Sierra Leone na Liberia bakaba baciye bafatwa n’iyo ndwara, aho gushika n’uyu munsi umugera wa ebola uza uribonekeza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.