Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu vyo muri Afrika vyaraye bisezeye inkino zo muri Bresil - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibihugu vyo muri Afrika vyaraye bisezeye inkino zo muri Bresil

Ibihugu vyo muri Afrika vyaraye bisezeye inkino zo muri Bresil

mardi 1er Mukakaro 2014

Ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyari vyashoboye gushika mu gice c’umunani c’amahiganwa y’igikombe c’isi, yatekeye isubira iwabo. Hasigaye ibihugu 4 biza gukina, muri ivyo 2 gusa bitegerezwa kubandanya mu gice ca kane c’amahiganwa.

JPEG - 52.3 ko
Abana bo muri Nigeriya bashigikiye umurwi wabo

Ibihugu Nigeriya na Algeriya vyari vyashoboye gushika mu gice c’umunani c’igikombe c’isi, ariko ivyo bihugu vyasezeye amahiganwa. Igihugu ca Nigeriya cakuwemwo n’Ubufaransa. Urukino rwarimwo ugushaka gukomeye ariko igihugu c’Ubufaransa cararushije Nigeriya, niko gutsindwa ibitsindo 2 ku busa. Igitsindo kimwe c’Ubufaransa cinjijwe n’umukinyi wa Nigeria Joseph Yobo. Icabonetse muri urwo rukino ni Vicent Enyeama, umunyezamu ari nawe kizigenza w’igihugu ca Nigeriya yavyifashemwo neza cane muri urwo rukino naho atamahigwe yo gukubandanya bagize.

JPEG - 66.9 ko
Joseph Yobo ahejeje kwiyinjiza igitsindo

Isaha zitandatu z’ijoro, Algeriya yariko inyinyurana n’Ubudagi, urukino rutari rworoshe kuko ivyo bihugu vyatatuwe n’umwanya w’inyongera ari naho igihugu ca Algeriya catsindwa ku tsinzi y’ibitsindo 2 kuri 1.

Ibihugu bimaze gushika mu gice ca kane ni ibi bikurikira : Ubufaransa, Ubudagi, Ubuholande, na Costa Rica. Hasigaye ikiva mu nkino zihuza Argentine na Suisse n’Ubwongereza butana mu mitwe na Reta Zunze za Amerika.

Ikimaze kumenyekana n’uko mu gice ca 4, urukino rwa mbere ruzohuza Ubufaransa n’Ubudagi, Bresil izokina na Colombie, Hollande ikine na Costa Rica.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.